IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Kirundo: Ubuyobozi bw’indero busaba kuronswa abigisha 26 bashasha

Kirundo: Ubuyobozi bw’indero busaba kuronswa abigisha 26 bashasha

mardi 24 Nzero 2017

Abigisha bo mu ntara ya Kirundo bamenyesha ko mu gice ca mbere c’amashuri hari ivyigwa bitigishijwe kubera ata bikoresho vyahari, nk’ibitabo n’ibindi ariko kandi bavuga ko n’abigisha batari bakwiye.

Amakuru ava mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Kirundo amenyesha ko mw’ishuri ry’intango mu gice c’ishure nshingiro hamwe n’igice ca kabiri c’ishure nshingiro ,hakenewe intebe zishika 3820.

Ayo makuru nyene amenyesha ko bishika intebe imwe igasangira abana batandatu,ahandi naho abanyeshure bakicara ku mbaho ziteretse ku mabuye.

Naho hari abavyeyi biyungunganije bunvikanye n’abarongoye indero mu ntara barariha abigisha b’abakutsakivi,amakuru ava mu buyobozi bw’indero mu ntara ya Kirundo amenyesha ko hakenewe abigisha bashasha 26 bigisha mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro.

Abayobozi b’indero mu ntara ya Kirundo bamenyesha koi co kibazo c’ikena ry’intebe n’abigisha bagiye kugitorera inyishu bukebuke.


IGIHE

Messages

  • Izontebe reta nizigure,kuko sivyiza umwana kwiga yicara hasi, bizana ifotombi mubana. Mugihe bazoba batsinze amashure ntibazigera bifuza gutezimbere isuku yishure, kuko azovuga yuko ariko yakuze abibona ahoyize. Nayabarimu 26 ntibabuze, ariko ikizotuma abigisha bataboneka, nuku gusabwa igiturire camafaranga kugira wemererwe guhabwa ikibanza!, muribose nobanarigeze kubona mubuzima bwanje, atigera asaba igiturire numushingantahe Manengeri niwe ya nukirwa nigiturire. Wihenze ngumushiriye igiturire yakubwira ati genda urye ayo warunzaniye niyahera uzoza ndaguhakazi, niwe mushingantahe nabomye ntawundi ndabona mu Burundi bwose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.