Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kofi Annan ashobora kuba umuhuza mu bibazo vya poritike muri (...)
Kofi Annan ashobora kuba umuhuza mu bibazo vya poritike muri Congo
mercredi 12 Gitugutu 2016, par
Kofi Annan yahoze ari Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aravugwa cane nk’uwushobora kuzoba umuhuza mu biganiro vy’ukurondera amahoro muri Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Kofi Annan niwe avugwa ko ashobora guhabwa uguhuza umukuru w’igihugu Joseph Kabila n’abadashigikiye ko yigumiza ku butegetsi.
Ico gikorwa c’ubuhuza cahorana Edem Kodjo, ariko ibiganiro yatunganije bikaba vyatewe ivyatsi n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi barimwo Étienne Tshisekedi na Moïse Katumbi banse kuvyitaba.
- Kofi Annan yahoze ari Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi batangaje ko Kodjo yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Togo, ahengamiye ku ruhande rwa Kabila.
Uretse abatavuga rumwe n’ubutegetsi, na Ekereziya Gatorika nayo yarahagaritse kwitaba ivyo biganiro.
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bifuza ko Kodjo yosubirizwa muri ayo mabanga, izina ry’uwushobora kumusubirira akaba ari irya Kofi Annan, asanzwe ashigikiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’abatavuga rumwe na Kabila.
Joseph Kabila yagiye ku butegetsi mu mwaka w’2001, bikaba bitegekanijwe ko ibiringo vyiwe bibiri yemerewe n’ibwirizwa shingiro bihera kw’igenekerezo rya 20 Kigarama 2016, ariko bikagaragara ko azobandanya gutwara ico gihugu gushika amatora abaye, ivyo abatavuga rumwe nawe biyamiriza.
IGIHE
Messages
13 Gitugutu 2016, 04:20, par tari
Ahubwo nibamugire umuhuza muvyacu abarundi kuko mkapa bisa nivya munaniye
18 Gitugutu 2016, 11:46, par vip igutesha agaciro
mbe africa ko mwafuyerubi mukwicarubi abo murongoye mutwaye nkimyaka 10 ntuba warose ico woh umuryago wawe