Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Korea : Abantu 133 bahitanwe n’imyuzurira y’imvura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea : Abantu 133 bahitanwe n’imyuzurira y’imvura

Korea : Abantu 133 bahitanwe n’imyuzurira y’imvura

mardi 13 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera kw’ijana na mirongo itatu na batatu nibo bamaze kumenyekana ko bishwe n’imyuzurira y’imvura yaguye kuri uwu wa mbere mu gihugu ca Korea ya ruguru. Abandi 395 baburiwe irengero.

Igisata ca ONU kijejwe gutunganya imfashanyo (OCHA) catangaje ko abandi bantu barenga ibihumbi ijana bo mu ntara z’uburaruko nka Hamgyong aribo bateshejwe ingo zabo niyo mvura yasinzikaje ico gihugu. Amazu nayo aharurwa mu bihumbi mirongo itatu na bitanu yabomotse.

Nk’uko ico gisata ca ONU kijejwe gutunganya imfashanyo [OCHA] kibimenyesha, ibiharuro vyerekana ko ibice 69 vy’amazu yabomotse, hadasizwe inyuma amashure hamwe n’inyubakwa zihuriramwo abantu benshi zigera ku 8700.

Ibikorwa bikaba bisa n’ivyahagaze muri ivyo bice vyasinzikajwe n’iyo mvura.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.