Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea y’epfo iramutswa umukuru w’igihugu mushasha
Korea y’epfo iramutswa umukuru w’igihugu mushasha
mardi 9 Rusama 2017, par
Uwahora ari umukuru w’ico gihugu, umupfasoni Park Geun-hye, yabaye umukuru w’igihugu wa mbere mu bitorewe n’abanyagihugu yakuwe ku nguvu mu mabanga, yagirizwa ivyaha vy’ukurya ibiturire.
Mu bariko barahiganwa bagera kuri 13, uwuhabwa amahirwe kurusha abandi ni uwo nyene Moon Jae-in ari mu baharanira ukwisanzura, akaba yatsinze ku majwi 41.4 kw’ijana, mu gihe uwumukurikira yaronse amajwi 23.3 kw’ijana.