Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya y’Epfo : Hari icizere ko imigenderanire na Koreya ya Ruguru ishobora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’Epfo : Hari icizere ko imigenderanire na Koreya ya Ruguru ishobora (...)

Koreya y’Epfo : Hari icizere ko imigenderanire na Koreya ya Ruguru ishobora kuvyuka

mardi 6 mars 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umubonano hagati y’abategetsi ba Koreya ya Ruguru n’iy’Epfo, wateguwe mu gihe c’umubonano hagati y’umukuru wa Koreya ya Ruguru Kim Jong-un n’intumwa za Koreya y’Epfo, zaheruka i Pyongyang.

Uwo mubonano utegekanya kubera mu karere ka Panmunjom katanzwemwo agahengwe, uzotuma haba icizere mu migenderanire hagati ya Koreya uko ari zibiri, eka no hagati ya Koreya ya Ruguru na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Izo ntumwa zitegekanya kuja muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu mpera z’iyi ndwi gushikiriza abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika ivyo baganiriye na Koreya ya Ruguru.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.