Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya y’Epfo :Umukuru w’igihugu Kim Jong Un yashitse muri Koreya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’Epfo :Umukuru w’igihugu Kim Jong Un yashitse muri Koreya (...)

Koreya y’Epfo :Umukuru w’igihugu Kim Jong Un yashitse muri Koreya y’Epfo

vendredi 27 avril 2018

Amakuru dukesha urubuga rwa France 24 amenyesha ko, igihe umukuru w’igihugu wa Koreya y’Epfo Moon Jae-in yaha ikaze mugenzi we yagize amakenga ariko Kim Jong Un kubwiwe ata makenga vyamuteye, kuko yaciye amufata ukuboko kugira bajabuke urubibe.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihuhu ya Koreya y’Epfo yamenyeshejeko umukuru w’igihugu Moon Jae In yabajije mugenzi we igihe yipfuza kugira nawe akore urugendo mu gihugu ciwe,Kim Jong Un yamwishuye ati :« Kuberiki hatoba ubunyene ? »

Ayo makuru abandanya avuga ko abo bakuru b’ibihugu bibiri barangwa n’akanyamuneza kandi bahawe amashurwe y’ikaze n’abana baba mu gace kaho bahuriye hafi y’urubibe rw’ivyo bihugu bibiri, kuko kuva mu mwaka w’i 1953 ata mutegetsi n’umwe ava mu gihugu ca Koreya ya Ruguru yari bwafate urugendo aja muri Koreya y’Epfo.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.