Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’Epfo: Umushikirizamanza mukuru yasavye ko umuyobozi wa Samsung (...)
Koreya y’Epfo: Umushikirizamanza mukuru yasavye ko umuyobozi wa Samsung ahagarikwa
lundi 16 Nzero 2017
Umushikirizamanza mukuru mu gihugu ca Korea y’Epfo yasavye sentare umutahe wo guhagarika umukuru w’ishirahamwe Samsung yagirizwa igiturire.
Umuvugizi w’ibiro vy’umushikirizamanza Lee Kyu-chul yavuze ko Lee Jae-yong yahaye amahera arenga amadolali imiliyoni 35 ku mashirahamwe ashigikiwe na Choi Soon-sil, umugenzi w’umukuru w’igihugu Park Geun-hye.
Uwo mushikirizamanza avuga ko ayo mahera yari agenewe gusaba ugushigikirwa mu mugambi wo gushira hamwe amashirahamwe abiri afitaniye ubucuti na Samsung.
Naho Lee Jae-Yong yahakanye ivyo bivugwa,mw’ishirahamwe Samsung nta na kimwe riravuga kuri ico giturire kivugwa.
Lee Jae-Yong azwi kw’izina rya Jay Y Lee, yabajijwe ibibazo amasaha arenga 20 n’ abashikirizamanza mu gisagara ca Seoul,umurwa mukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo mu ndwi iheze.
Ubu Lee Jae-Yong ni icegera c’umukuru w’ishirahamwe rya Samsung Electronics, ariko kuva se wiwe, Lee Kun-hee, afatiwe n’ingwara y’umutima mu mwaka wa 2014, abonwa nk’umukuru w’iryo shirahamwe.
Ivyo biturire bishobora gutuma umupfasoni Park, aba arahagarikwa ku kazi vy’infatakibanza mu gihe sentare nkuru igikora amatohoza ku bimuvugwako.
IGIHE