Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’Epfo: Umuyobozi wa Samsung arapfunzwe yagirizwa igiturire
Koreya y’Epfo: Umuyobozi wa Samsung arapfunzwe yagirizwa igiturire
jeudi 19 Nzero 2017
Umuyobozi w’ishirahamwe Samsung Lee Jae-yong arapfunzwe kuva kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 18 Nzero 2017 yagirizwa gutanga igiturire.
Lee Jae-Yong yagirizwa kuba yahaye imiliyoni z’amadolari umugenzi w’umukuru w’igihugu ca Korea y’Epfo Park Geun-hye, yipfuza ko Reta arongoye yomworohereza mu rudandazwa rw’ibihingurwa na Samsung.
Vyitezwe ko kuri uno wa kane ariho umucamanza afata ingingo. Ikurikiranwa ry’umuyobozi wa Samsung niryemezwa, Lee Jae-Yong ashobora kumara indwi zitatu apfunzwe imbere yuko sentare imwagiriza.
Samsung ni ihinguriro rinini cane rifise amahera angana n’ica gatanu c’amahera y’igihugu cose ca Koreya y’Epfo.
Lee Jae-Yong azoba abaye umuntu wa mbere mu bakomeye afashwe ku bijanye n’amakosa ateye isoni yatumye umukuru w’igihugu Park Geun-hye akurwako icizere.
Ku ruhande rw’ishirahamwe Samsung ,bavuga ko umuyobozi Lee Jae-Yong ata makosa na rimwe yakoze.
Samsung yagirizwa yahaye ingabire amashirahamwe atarondera inyungu akurikiranwa na Choi Soon-sil, somambike w’umupfasoni Park, ryiteze ivyo ubutegetsi bworifashamwo.
Samsung yemeye ko yatanze ayo mahera ariko ngo nta kindi kintu ryari ryiteze gusubizwa.
IGIHE