Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru : Abasuma bagirizwa kwiba amabanga ya Koreya (...)
Koreya ya Ruguru : Abasuma bagirizwa kwiba amabanga ya Koreya y’epfo
mardi 10 Gitugutu 2017
Amakuru avuga ko amwe murayo mabanga ko ari imigambi myinshi isangiwe hagati y’igisirikare ca Koreya y’epfo hamwe n’igisirikare ca Reta zunze Ubumwe za Amerika.
Nk’uko tubisoma k ‘urubuga rwa BBC ikivugwa cane murayo mabanga ni umugambi wo kwica umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong Un.
Rhee Cheol-hee asanzwe ari umushingamateka muri Koreya y’epfo yashikirije ko ivyibwe vyakuwe mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bw’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika.
Tubibutseko igihugu ca Koreya ya Ruguru giheruka kwiyamiriza amakuru avugako hari abasuma b’igihugu caco bivye ibintu bitari bike mu kwezi kwa nyakanga mu mwaka wa 2016 ,igihugu ca Koreya y’epfo kigashikiraza ko ibice 80 kw’ijana vyibimaze kwibwa nabo basuma batarabimenya neza.
Vianney BIKORIMANA