Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu yuguruye umuhora wo kuvuganirako na (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu yuguruye umuhora wo kuvuganirako na (...)

Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu yuguruye umuhora wo kuvuganirako na Koreya y’Epfo

mercredi 3 janvier 2018

Amakuru dukesha ikinyamakuru RFI, umukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru Kim Jong Un yahamagaye muri koreya y’Epfo mu gaturuturu ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 3 Nzero 2017.

Ayo makuru amenyesha ko, ivyo vyaheruka mu kwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka wa 2015,bivuye ku bihano Reta Zunze Ubumwe za Amerika na ONU vyafatiye igihugu ca Koreya ya ruguru.

Ivyo bir’ukwo, mu gihe umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong Un yaheruka gushikiriza icipfuzo ciwe co kwitabira inkino za Jeux Olympiques zigiye kubera mu gihugu ca koreya y’Epfo mu kwezi kuza, akavuga ko yiteguriye no kuganira na Koreya y’Epfo.

Amakuru ava mu butegetsi bwa Koreya ya Ruguru,ibiganiro bitarimwo uburyarya n’ububeshi nivyo bikenewe kugira haboneke umutekano hagati y’ivyo bihugu bibanyi.

Kuruhande rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika,Donald Trump, umukuru w’igihugu avuga ko kwizera Kim Jong Un bigoye, akavuga ko bishoboka ko yoba ari amayeri kugira atosekaze imigenderanire ya Amerika na Koreya y’Epfo.

Ivyo bir’ukwo, mu gihe Donald Trump yaheruka kwandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko Amerka ifise ububasha busumba ubwa Koreya ya Ruguru, mu bijanye n’ibigwanisho ruhonyanganda


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.