Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu arashima uko Koreya y’Epfo yakiriye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu arashima uko Koreya y’Epfo yakiriye (...)

Koreya ya Ruguru : Umukuru w’igihugu arashima uko Koreya y’Epfo yakiriye abakinyi babo

mardi 13 février 2018

Kim Jong -Un yabishikirije mu gihe abitavye izo nkino bo mu gihugu ciwe barongowe na mushiki we basubiye mu gihugu cabo.

Nk’uko tubikesha iradiyo BBC,bimwe mu binyamakuru vyaho muri Koreya y’Epfo vyashikirije ko Kim Jong Un yashimiye Koreya y’epfo kuko arico cakoze ibishoboka kugira ico gihugu citabe izo nkino zo kwinonora imitsi zibera mu kibanza gikanye.

Umukuru w’igihugu wa Koreya ya Ruguru yahaye ubutumire mugenzi we wa Koreya y’Epfo Moon Jae-in kuja muri Koreya ya Ruguru mu mpera z’iyi ndwi kugira bagiriranire umubonano.

Ubwo butumire niyo bwitabwa n’umukuru w’igihugu wa Koreya y’Epfo Moon Jae-in bizoba bishitse inyuma y’imyaka 10 iheze ata mutegetsi wo muri Koreya ya Ruguru agiraniye umubonano n’abo muri Koreya y’Epfo.

Haciye imisi itari mike imigenderanire y’ivyo bihugu bibiri yifashe nabi kuva aho umukuru w’igihugu wa Koreya ya Ruguru Kim Jong Un amenyeshereje ko afise umugambi wo gukora ibirwanisho ruhonyanganda.
.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.