Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya Ruguru yagerageje ikindi gisasu co mu bwoko bwa Missile
Koreya ya Ruguru yagerageje ikindi gisasu co mu bwoko bwa Missile
mardi 4 Mukakaro 2017
Imboneshakure y’igihugu ca Koreya ya Ruguru yamenyesheje ko Missileyo mu bwoko bwa Hwasong-14 yageragejwe hari n’umukuru w’igihugu Kim Jong-un.
Amakuru dukesha iradiyo y’abngereza BBC amenyesha ko,mu gihe iyi nkuru yokwemezwa, missile" ICBM ishobora gushika no ku butaka bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zavuze ko iyo "missile" yaguye mu kiyaga c’Ubuyapani idashika kure cane, ko ata bwoba yotera Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Ibikorwa vyo kugerageza ibisasu vyo mu bwoko bwa Missile igihugu ca Koreya ya Ruguru kimaze igihe gikora,vyateye uruhagarara akarere n’amakungu.
MUGISHA Van Naris