Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya yo mu Buraruko iriyamiriza ibihano bishasha vya ONU
Koreya yo mu Buraruko iriyamiriza ibihano bishasha vya ONU
lundi 7 Myandagaro 2017
Mw’itangazo ryaciye mu kinyamakuru ca Korea yo mu Buraruko, kimenyesha ko kitazokwigera ibiganiro bifise ico bishaka gushikiriza ku bijanye n’ibirwanisho vya nucleaire, mu gihe umutekano waco ukibangamiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Igihugu ca Koreya yo mu Buraruko kimenyesha ko itazohengeshanya gukora ibikorwa vyo kwongereza inguvu muvya gisirikare, biciye mu gukora ibirwanisho bikomeye.
Ibihano bishasha vya ONU bitegekanya kugabanya umwimbu wa Korea ya Ruguru ku gice c’ica gatatu, kubera ukwanka guhagarika kugerageza ibigwansiho vyo mu bwoko bwa "missile" na "nucléaire".
MUGISHA Van Naris