Accueil > Amakuru > Poritike > Ku munsi wa kabiri w’imyiyamamazo ubutumwa ni EGO canke OYA
Ku munsi wa kabiri w’imyiyamamazo ubutumwa ni EGO canke OYA
jeudi 3 mai 2018
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu, yari mu ntara ya Rutana, aho ubutumwa yari yajanye bwari uguhamagarira abarundi gutora EGO, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Mu ntara ya Karusi, umugambwe CNDD FDD waserukiwe na Pascal NYABENDA arongoye inama nshingamateka, mu ntara ya Mwaro hagiyeyo umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO.
Abo mu mugambwe CNDD FDD nta bundi butumwa bitwaje, atari kurarikira abanyagihugu gutora EGO mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, bahejeje gusigura ineza y’iryo bwirizwa nshingiro.
Mu gihe abo mu mugambwe uri ku butegetsi bariko bahamagarira abarundi gutora EGO, mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bahamagariye abarundi gutora OYA, basigura ko ibwirizwa nshingiro ryemejwe rizoba rije gucinyiza uruhande rumwe rw’abarundi.
Mu Runani rw’Abigenga AMizero y’Abarundi babandanirije ibikorwa mu ntara ya Muyinga, ijambo rikaba ryari rimwe, iryo guhamagarira abarundi gutora OYA, kuko ku bwabo iryo bwirizwa nshingiro umugambwe umwe warigunganije.
Mu mugambwe UPRONA, umukuru w’uwo mugambwe yari yajanye ubutumwa, mu ntara ya Ngozi, mw’ikambi y’abateshejwe ivyabo, iri ku Ruhororo.
Ubutumwa bwaru gutora EGO, mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro , ategekanijwe kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 mai 2018, 17:00, par Mahoro
None ababitaba baba bavuye he ? Abo bakuru bose ko tuzi hari akazi twabahaye barasavye uruhusha mu kugata ?
3 mai 2018, 17:23, par Nkwirikiye
Abamenyesha Makuru Muratanguye Guhengama Abigisha Oya Imvo Yabo Murayandika Aba Ego Nta Mvo Basigura Yotuma Batora Ego ? Yo Kumtayandika ?
3 mai 2018, 19:48, par Ndihokubwayo Jerome
Dutoye Ego Niryo Sawa Erega Na Peter Asa Neza Ntawomwanja Kumutora Abafise Agatima Ka Oya Bihangane
5 mai 2018, 12:59, par Nduwimana Audrick
Ahubwo Twese Abarundi Dukwiye Gutora Oya