Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Kuvuga ko umukuru w’igihugu umutwara muri CPI.. Mu Burundi tuzoronka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Kuvuga ko umukuru w’igihugu umutwara muri CPI.. Mu Burundi tuzoronka (...)

"Kuvuga ko umukuru w’igihugu umutwara muri CPI.. Mu Burundi tuzoronka amahoro?"

mardi 12 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu cegeranyo ca ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu bamenyesha ko abahoze mu gisirikare ca kera (Ex FAB) bakozweko cane n’ubugizi bwa nabi bwabaye mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Mu gihe abahoze mu gisirikare ca kera bagizwe ahanini n’abo mu bwoko bw’Abatutsi, Félicien NDUWUBURUNDI, umukuru w’ihuriro ry’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi avuga ko ivyo bishobora gucanishamwo Abahutu n’Abatutsi bari mu nzego z’umutekano, kuko ubwoko bumwe buca bubonwa nk’inkozi z’ikibi, ubundi bukibona nk’ubwahohotewe.

Félicien NDUWUBURUNDI aho agira ati : "Muri ico gihe baba bariko baracanishamwo abajejwe umutekano."

Mu cegeranyo ca ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu baravuga amazina y’abagirizwa ubugizi bwa nabi bwabaye mu Burundi, n’imitahe mpuzamkungu y’ukubahagarika ikaba ishobora kuzosohoka. Muri urwo runani bamenyesha ko ata murundi yogira amahoro mu gihe abo bategetsi b’Uburundi bohagarikwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Félicien NDUWUBURUNDI : "Ntimubona ko abarundi bose tugeramiwe? Kuvuga ko umukuru w’igihugu, uwutwara iperereza, umushikiranganji wo kwivuna abansi, uw’umutekano, abarongoye zirya nzego zose zigize igihugu, barya bantu bose ubatwaye muri CPI, mu Burundi tuzoronka amahoro? Abo bose bafashwe bagapfungwa ni nde yoronka amahoro mu Burundi"

JPEG - 53.3 ko
Félicien NDUWUBURUNDI, umukuru w’ihuriro FDP ry’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi

Imigambwe ihurikiye muri iryo huriro FDP irashikiriza kandi utunenge yabonye mu cegeranyo c’abahinga ba ONU. Muri utwo harimwo ukwiyamiriza uburyo abagize uwo murwi bakoresheje kugira baronke ayo makuru (Méthodologie), imvugo muri iryo huriro bita "Ndenzarugero" yakoreshejwe mu kwerekana ivyaha vyakozwe canke abakoze ivyo vyaha, ukuryohera abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu kwerekana ivyaha, ariko ivy’abari ku butegetsi ntibivurwe, ukuntu abo bahinga bavuga ko ivyaha vyakozwe vyohanirwa muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, kandi ubutungane bw’Uburundi bwikwiye, nk’uko muri iryo huriro bavyemeza.

Iyo migambwe ivuga ko Uburundi buzokwikora ku bindi bihugu basanzwe bacuditse, kugira bifashe ivyasabwe na ONU ko Sentare mpanavyaha mpuzamakungu yotanguza amatohoza mu Burundi ntibikorwe.

Uburundi bwasavye ko bwova muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu kw’igenekerezo rya 27 Nyakanga 2016. Kuri iryo genekerezo nyene, muri uwu mwaka, niho bizokwemezwa ku mugaragaro ko Uburundi butakiri muri iyo Sentare. Muri ico gihe CPI nta bubasha na bumwe izoba igifise ku Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.