Accueil > Amakuru > umutekano > LIGUE ITEKA : Abantu bane bishwe mu ndwi imwe, babiri basinzikarizwa (...)
LIGUE ITEKA : Abantu bane bishwe mu ndwi imwe, babiri basinzikarizwa ubuzima
mercredi 25 Nzero 2017, par
Abantu bane nibo bamenyekanye ko bishwe, nayo abandi babiri basinzikarizwa ubuzima, aho ni mu gihe kandi abandi babiri baburiwe irengero nk’uko biri mu cegeranyo ca LIGUE ITEKA gisohoka rimwe mu ndwi. Muri ico cegeranyo nyene, abagera kuri 12 barahagaritswe hatubahirijwe amategeko, nk’uko iryo shirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ribimenyesha.
Ishirahamwe LIGUE ITEKA rivuga ko abagirirwa nabi ari abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, ivyo bikorwa bikagirizwa abajejwe intwaro, abajewe umutekano, abakozi b’igendereza hamwe n’Imbonerakure (urwaruka rukukira umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi.)
Muri LIGUE ITEKA basaba Reta ko yokwubahiriza umutekano w’abarundi bose ata kuvangura, abantu bose bahabwe umwidegemvyo ku rugero rumwe.
IGIHE
Messages
25 Nzero 2017, 12:05, par Fajiri
Ligue Mahama..... Impungure.com. Iyo ligue y’inkoramaraso ngo ni Iteka nigende rwosseee...ininyoma gusa
25 Nzero 2017, 12:32, par Cobla Rouge
Erega Mwebwe Muritwenga None Wibaza Ko Hari Abacumviriza Ivyanyu Ko Vyishi Ari Ibinyomagusa. Abo Bishwe Nibande Bavuka He? Imiryango Yabo Niyihe. Muraraba Mugabanye Ako Karimi Kokubesha Bizobafasha, Kuko Ivyanyu Bimaze Kumenya Beshi.
25 Nzero 2017, 17:22, par Banzubaze
Iyo ligue Iteka twubaha nibe ishirako amazina n’aho abo bantu bavurwa bava kugira ngo ababazi bace bamenya ko atari ibinyoma.
Nayo ahandi ho hari abibaza ko bishoboka ko ari ivyo bikuriye mu mutwe ivyo bitigiri!
25 Nzero 2017, 19:23, par Hakizimana
Ivyo Turabimenyereye
25 Nzero 2017, 20:20, par Emmanuel Ngendakumana
Ivy’iburundi N’amayobera
25 Nzero 2017, 21:01, par Bosco
none uwishwe n abagizi banabi,bavuga ngo n abatavuga rumwe na reta?Abo nibo bakunzi binda bagomba ubutegetsi batari bubishobore,inda nizozabataye ,ubukunz bw inda butuma bahung ambhoro ,bagenda kubesha ngo m uburundi har intambara,huu!watakomaje?
25 Nzero 2017, 23:54, par Proud to be Rwandan
Iyi mbona ari Ligue Semuhanuka. Kuko kubinyoma barusha ibuka yo mu Rwanda imwe icuruza uduhanga twabahutu kagame yagandaguye ...
26 Nzero 2017, 01:32, par Morodikayi Jon
Ligue-ITEKA, Nturashima kuburyo mukora ijoro numurango mukushira ahabona ibiriko birabera haniwacu, ico twobasaba nuko mwokwongereza igitigiri cabantu batohoza ibikorwa mugihugu, kuko abatotezwa nibeshi basumba abo mwatangaje.Turifuza yuko, kubucimbiri, kumitumba, kumazone, kumakomine, komwoshiraho, ama anteni atohoza kumusi kumusi kumabi abarundi bariko barakorerwa, Murakoze.
26 Nzero 2017, 13:56, par Warumonge
Namahondiyumviko Burya Umurundintakwiyekugirakumohe
26 Nzero 2017, 23:39, par Mr.Minani Kazuba
Mubatuma Kutanguza Intambara Bayibazimirijeko Ico Mbafasha Nkuija Kwi Sunzu Nyinzu Ngo Hafuye Aba Nimureke Kwica Abana Burundi Kubasunikira Mntambara Mutazocinda Nimuje Imbere Muwote Mreke Umunwaaaaaa
27 Nzero 2017, 06:38, par Tom Tom
Abantu barapfa nta rementanya ririmwo. Ahubwo Ligue n’ize iradomako ahabereye ivyo bibi kugirango abenegihugu babibone imbonankubone.