Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
La liga: Real Madrid yatahukanye igikombe hari haheze imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > La liga: Real Madrid yatahukanye igikombe hari haheze imyaka (...)

La liga: Real Madrid yatahukanye igikombe hari haheze imyaka itanu

lundi 22 Rusama 2017

Mu nkino zo ku ndwi ya nyuma y’ihiganwa ryo mu gihugu ca Espagne, umurwi wa Real Madrid watsinze umurwi wa Malaga ibitsindo bibiri ku busa. Igitsindo kimwe cinjijwe na Kalim Benzema, ikindi cinjizwa na Christiano Ronaldo.

Real Madrid itwaye ico gikombe ku ncuro ya 33, inyuma y’imyaka itanu yari iheze uwo murwi udatwaye ico gikombe, catwawe mu mwaka uheze n’umurwi wa FC Barcelone nawo watahanye ikibanza ca kabiri.

Igikombe Real Madrid itwaye uno mwaka, gitumye umufaransa amenyereza uwo murwi Zinedine Zidane aja mu mateka y’umupira w’amaguru mu gihugu ca Espagne, mu gihe yafashije umurwi wa Real Madrid gushika mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyayo ruzoba kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi, umwakwa wa 2017.

Naho umurwi wa FC Barcelone utashoboye gutahana igikombe c’ihiganwa ry’uno mwaka mu gihugu ca Espagne, kizigenza wawo Lionel Messi niwe yabaye uwa mbere yinjije ibitsindo 37, agakurikirwa na Luis Suarez bakinana yinjije ibitsindo 29, agakurikirwa na Christiano Ronaldo yinjije ibitsindo 25.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.