IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Laurence NDADAYE : "Twiyumvira ko urwo rubanza rwibagiwe"

Laurence NDADAYE : "Twiyumvira ko urwo rubanza rwibagiwe"

samedi 21 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ku ncuro ya mbere, Laurence NDADAYE yavuye mu gacerere atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uwu wa gatanu. Muri ico kiganiro Umupfasoni asigwa n’incungu ya Demokarasi yasavye ko urubanza rw’umugabo wiwe rwosubirwamwo.

«Twaritwaye muri Sentare ntahinyuzwa, urubanza rwarabaye, mugabo ni urwo kwikurayo. Mu bantu 79 bafashwe, 50 bararekuwe ubwo nyene, 15 baratoroka, 14 barafungwa. Mu bari bapfunzwe harimwo umwe yavuze ukuri ati urubanza ruraciwe ariko abasoda bato bato nibo bariko barapfungwa. Ababatumye nta n’umwe yafashwe. Umuryango waciye wunguruza muri gasamburamanza. haciye imyaka 18 urubanza ruri muri gasamburamanza. Twebwe umuryango wa NDADAYE Melchior twiyumvira ko urwo rubanza rwibagiwe. Nta n’umwe urubabaye, ngirango kubera ata nyungu barufisemwo.»

JPEG - 2.1 Mo
Laurence NDADAYE, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE

Laurence NDADAYE arongera agasaba ko urwo rubanza rutoshigwa mu mugwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR, kuko ku bwiwe, vyinshi kuvyabaye bizwi.

"Urwo rubanza rumaze kuva mu bucamanza rwinjiyemwo, rukagenda mu murwi udaca imanza, tuzoba dusubiriye inyuma."

Uwo mupfasoni w’umukuru w’igihugu yagandaguwe mu 1993 amenyesha ko urwo rubanza rukwiye guhabwa agaciro, kuko uwishwe yari uw’abarundi bose babuze umukuru w’igihugu yatwara Uburundi.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.