Home > Amakuru > Muri Afrika > Liberiya: Georges Weah, yahoze ari rurangiranwa mumupira w’amaguru, yatowe (...)
Liberiya: Georges Weah, yahoze ari rurangiranwa mumupira w’amaguru, yatowe kuba umukuru w’igihugu
Friday 29 December 2017, by
Inyuma yo gutsindwa incuro zibiri zose mu matora (2005 na 20011), uwigeze gutwara umupira w’inzahabu mu mupira w’amaguru, akaba ari nawe mukinyi wenyene akomoka muri afrika amaze gutahukana ako gashimwe, Georges Weah agiye gusubirira Ellen Johnson Sirleaf yigeze gutwara agashimwe ka Prix Nobel y’amahoro, akaba n’umukenyezi wambere yatowe nk’umukuru w’igihugu muri Afrika, akaba yaramaze imyaka 12 ku butegetsi.
Georges Weah yatanguje umugambwe wiwe mumwaka wa 2004 aca yitoza kukibanza c’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2005.Naho atagize amahigwe yo gutogwa , iyinjira ryiwe muri Politike ryaratumye ubwoba abari kubutegetsi, akaba yaranatewe n’ubwoba ko ashobora kugandaguwa.
Ku myaka yiwe 51, uwahoze ari rurangiranwa mumupira w’amaguru akinira umugwi wa Paris Saint Germain afatwa nk’umunya Liberiya azwi cane mumakungu.
Pacifique BUKURU