Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Liberiya: Umukuru w’igihugu mushasha ararahirira kurongora igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Liberiya: Umukuru w’igihugu mushasha ararahirira kurongora igihugu

Liberiya: Umukuru w’igihugu mushasha ararahirira kurongora igihugu

Monday 22 January 2018

Ikinyamakuru Daily Nation canditse ko George Weah arahirira ku kibuga Samuel Kanyon Doe iri ku murwa mukuru Monrovia igihe c’isaha zitandatu n’iminota 45 kw’isaha mpuzamakungu.

Vyitezwe ko ibirori vyo kurahira kwa Georges Weah biza guterwa iteka n’abakuru b’ibihugu vya Ghana, Mali, Nigeria, Togo n’abakinyi b’ibihangange mu mu mupira w’amaguru b’abagenzi biwe.

Kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017, niho umurwi utegura amatora wemeza ko George Weah yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu, arushije amajwi uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu Joseph Boakai.

Abanyagihugu muri Liberiya, biteze ko umukuru w’igihugu mushasha azobakura mu bukene bufatiye k’ukubura akazi, yubake amashuri meza n’ibindi.

Ellen Johnson Sirleaf yahora ari umukuru w’igihugu, yabwiye itorokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ,ko George Weah afise akazi kadasanzwe harimwo kwongereza ubutunzi, no kuronsa akazi urwaruka.


MUGISHA Van Naris

Forum posts

  • Kuba Liberia Yoronka Umukuru W’igihugu Georg Weah Biranezereye Kuko Yiyemeje Kuzofasha Abenegihu Biwe President Wa Liberia Uragahezagirwa N’imana Abo Utwara Bazoguhezagire Nk’uko Abene Gihugu B’uburundi Benshi Bahezagiye President Nyenicubahiro Petero Nkurunziza Imana Ibahezagirire Hamwe Mwese Kandi Mwibuke Imana Kuko Ariyo Yàbateye Iryo Teka Ryo Kurongôra Ivyo Bihugu Mubamwo.

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.