Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Icegeranyo ca ONU cemeza ko urudandazwa rw’abantu rubandanya (...)
Libiya : Icegeranyo ca ONU cemeza ko urudandazwa rw’abantu rubandanya kwiyongera
mardi 6 février 2018
Nk’uko biri mu cegeranyo co mw’ibanga cahawe abantu 15 bagize umurwi wa ONU ujejwe umutekano, urudandazwa rw’abantu n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu, biri ku rugero runini mu gihugu ca Libiya.
Ico cegeranyo c’impapuro 157, kimenyesha ko abari mu murwi wiyitirira Reta ya ki Isiramu baragerageza kwiyegereza abakora urudandazwa rw’abantu,ku birometero 450 mu bumanuko bw’umurwa mukuru Tripoli, kuva mu mwaka wa 2016.
Ico cegeranyo co mw’ibanga kivuga kandi ko iyo abimukira bahagaritswe n’abajejwe umutekano ba Libiya, baca bashikirizwa abakora urudandazwa rw’abantu, ariko babanje kubaha amafaranga.
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribicishije muri ico cegeranyo co mw’ibanga, ryemeza ko umwe mu bategetsi ba Libiya yemeje ko imirwi yitwaje ibirwanisho, ifise inguvu zisumba iza Reta.
Kuva mu mwaka wa 2011, umukuru w’igihugu Mouammar Kadhafi akuwe ku butegetsi mbere akanicwa,igihugu ca Libiya caciye kiba nk’aho abimukira bose bategerezwa guca.
MUGISHA Van Naris