Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions: Ibitsindo 28 vyinjijwe ku munsi wa mbere (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions: Ibitsindo 28 vyinjijwe ku munsi wa mbere (...)

Ligue des Champions: Ibitsindo 28 vyinjijwe ku munsi wa mbere w’ihiganwa

mercredi 13 Nyakanga 2017

Urukino rwinjiyemwo ibitsindo vyinshi ni urahuje umurwi wa Chelsea wo mu gihugu c’Ubwongereza watsinze umurwi FK Qarabag wo mu gihugu ca Azerbaïdjan ibitsindo bitandatu k’ ubusa.

Urundi rukino rwinjiyemwo ibitsindo vyinshi ni urukino rwahuje umurwi Paris Saint Germain wo mu gihugu c’Ubufaransa n’umurwi Celtic Glasgow wo mu gihugu c’Ubwongereza aho umurwi Paris Saint Germain watsinze ibitsindo 5 ku busa.

Urundi rukino rwari rurindiranywe igishika n’urwahuje umurwi FC Barcelone wo muri Espagne n’umurwi Juventus de Turin wo mu gihugu c’Ubutariyano aho umurwi FC Barcelone watsinze Juventus de Turin ibitsindo bitatu ku busa, harimwo bibiri vy’umukinyi Lionel Messi.
Izindi nkino zaheze uku:

Olympiakos 2- Sporting 3,Benfica 1-CSKA Moscou 2,Bayern 3-Anderlecht 0,
Roma 0 -Atlético Madrid 0,Manchester United 3-Basel 0.

Mwomenya ko inkino zabaye kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2017 ari izo mu mirwi ine ya mbere A,B,C na D, izo mu mirwi ine ya nyuma E,F,G,H zakaba kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.