Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions : Imirwi ine ya mbere izokina ica 8 gishira ica nyuma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Imirwi ine ya mbere izokina ica 8 gishira ica nyuma (...)

Ligue des Champions : Imirwi ine ya mbere izokina ica 8 gishira ica nyuma yamenyekanye

jeudi 8 mars 2018

Inyuma y’inkino zo kuwa kabiri igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, imirwi Real Madrid wo muri Espagne na Liverpool wo mu Bwongereza niyo yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca 8 gishira ica nyuma.

Real Madrid waronse uburenganzira bwo gukina igice ca 8 gishira ica nyuma utsinze Paris Saint Germain wo mu Bufaransa mu nkino zibiri, ibitsindo 5 kuri 2, mu gihe Liverpool wo mu Bwongereza watsinze umurwi FC Porto wo muri Portugal ibitsindo 4 ku busa mu nkino zibiri.

Iyindi mirwi ibiri yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca 8 gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Buraya, ni umurwi Manchester City wo mu Bwongereza na Juventus de Turin wo mu Butariyano.

Mu nkino zo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, umurwi Manchester City watsinzwe na FC Bale wo mu Buswise ibitsindo bibiri kuri kimwe, ariko ntivyabujije ko Manchester City ibandanya kuko mu rukino rwa mbere wari watsinze FC Bale ibitsindo bine ku busa, bisigura ko mu nkino zibiri uca ugira ibitsindo bitanu kuri bibiri.

Ku ruhande rwa Juventus de Turin, mu rukino rwa mbere wari
Wanganije na Tottenham ibitsindo bibiri ku bindi, mu rukino rwo kur’uyu wa gatatu uca utsinda ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Tottenham, bisigura ko mu nkino zibiri ufise ibitsindo 4 kuri bitatu vya Tottenham.

Izindi nkino zo kurondera imirwi ine nayo izokina igice ca 8 gishira ica nyuma,z itegekanijwe ku magenekerezo ya 13 na 14 Ntwarante 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.