Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions : Imirwi umunani ya mbere izokina 1/8 yamenyekanye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Imirwi umunani ya mbere izokina 1/8 yamenyekanye

Ligue des Champions : Imirwi umunani ya mbere izokina 1/8 yamenyekanye

jeudi 23 novembre 2017

Iyo mirwi igizwe ahanini n’imirwi yo mu gihugu c’Ubwongereza ni : FC Barcelone,Bayern Munich, Besiktas, Chelsea, Manchester City, Paris Saint Germain, Real Madrid na Tottenham.

Naho iyo yamaze kumenya ko izokina igice c’umunani gishira ica nyuma, iyindi yoyo iracarondera ubwo burenganzira. Nk’umurwi wa Naple na AS Roma yo mu gihugu c’Ubutariyano na Athletico Madrid yo muri Espagne iracarondera ubwo burenganzira.

Ku rundi ruhande inyuma yo gutsindwa kur’uyu wa gatatu igitsindo kimwe n’umurwi wa Bale,umurwi Manchester United wo mu Bwongereza nawe uracakeneye gukina urukino rumwe kugira ushobore gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.

Imirwi Juventus, Sporting Portugal na Shakhtar iracakeneye gukina no kuronka intsinzi canke ikanganya, kugira ifate ibibanza vya kabiri, aho naho ikaba izoca ironka uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.

Mwomenya ko inkino za nyuma zo mu mirwi zitegekanijwe ku magenekerezo ya 5 na 6 Kigarama 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.