Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ligue des Champions : Manchester City yatsinze FC Bale, Juventus inanirwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Manchester City yatsinze FC Bale, Juventus inanirwa (...)

Ligue des Champions : Manchester City yatsinze FC Bale, Juventus inanirwa na Tottenham

mercredi 14 février 2018

Mu rukino rwa mbere rwahuje umurwi wa Manchester City wo mu Bwongereza n’umurwi Fc Bale wo mu Buswise, umurwi Manchester City watsinze ibitsindo 4 ku busa bwa FC Bale.

Mu rundi rukino umurwi wa Juventus de Turin wo mu gihugu c’Ubutariyano wanganije n’umurwi Tottenham wo mu Bwongereza ibitsindo bibiri ku bindi, naho nyene umurwi Juventus ariwo wari wasa n’uwuhava utahana intsinzi, kuko wakinira ku kibuga cawo.

Ku kibuga ca Juventus, urukino rwatanguye neza ku ruhande rw’umurwi Juventus de Turin, kuko mu minota 20 y’urukino wari umaze gutsinda ibitsindo 2-0 bitsinzwe n ;umusatirizi Gonzalo Higuain, akaba yarananiwe na Penalty igice ca mbere kigomba gihere.

Tottenham yivyukiranije ku munota wa 35, aho Harry Kane yatsinda igitsindo kivuye ku gusamara kw’abakinyi b’inyuma.Igice ca kabiri kigeze hagati ku munota wa 72, Christian Eriksen nawe aca atsinda igitsindo ca 2.

Ku ruhande rwa Manchester City , Ilkay Gündogan yatsinze igitsindo ca mbere ku munota wa 14, Bernardo Silva ku munota wa 18 atsinda ica kabiri, Sergio Kun Aguero atsinda ica gatatu ku munota wa 23, Ilkay Gündogan yiyongera ikindi gitsindo ku munota wa 53, gutyo urukino ruhera ku bitsindo 4 vyose ku busa.

Umurwi Manchester City usa n’uwamaze kuronka amahirwe yo gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma, na rirya urukino rwabaye rwakiniwe ku kibuga ca FC Bale.

Inkino zo gusubiriza zikaba zitegekanijwe kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.