Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des Champions : Real Madrid na Bayern Munich yatsinze inkino za mbere (...)
Ligue des Champions : Real Madrid na Bayern Munich yatsinze inkino za mbere za 1/4 gishira ica nyuma
mercredi 4 avril 2018
Mu rukino rwa mbere rwabaye, rwahuje Real Madrid na Juventus de Turin, kuva ku munota wa mbere, Real Madrid yagumye yerekana ko irusha ubuhinga Juventus de Turin, mbere ku munota wa 3 w’urukino, umukinyi Christiano Ronaldo yinjiza igitsindo ca mbere.
Igice ca mbere caheze ari igitsindo kimwe ca Real Madrid ku busa bwa Juventus de Turin, ariko mu gice ca kabiri, Christiano Ronaldo yinjiza ikindi gitsindo ciza ku munota wa 64, yinjije akoresheje ubuhinga, mbere gishirwa muvya mbere bishobora kuranga iryo higanwa.
Naho abakinyi ba Juventus bagumye barondera kugombora ivyo bitsindo ntivyaboroheye ,kuko ku munota wa 66 umusatirizi wa Juventus de Turin Paulo Dybala yahawe ikarata itukura, aca ava mu kibuga.
Ibintu vyagiye kwunyuka ku munota wa 72, aho umukinyi w’inyuma Marcelo wa Real Madrid yinjiza igitsindo ca gatatu, urukino ruca ruhera ku ntsinzi ya Real Madrid y’ibitsindo bitatu ku busa.
Mu rundi rukino, umurwi Bayern Munich watsinze Seville naho nyene ku munota wa 31, umukinyi Pablo Sarabia wa Seville yari amaze gutsinda igitsindo ca mbere ca Seville.
Mu gice ca mbere nyene, umurwi Bayern Munich waranganije na Seville, ku gitsindo umukinyi Jesus Navas wa Seville yiyinjije mw’igori, igice ca mbere gica gihera imirwi yose inganya igitsindo kimwe ku kindi.
Mu gice ca kabiri, umukinyi Thiago Alcantala yinjije igitsindo ca kabiri ca Bayern Munich, urukino ruca ruhera, ku ntsinzi ya Bayern Munich, y’ibitsindo bibiri ku kimwe ca Seville.
Kur’uyu wa gatatu hakinwa izindi nkino zibiri, umurwi wa FC Barcelone, uza gukina na AS Roma wo mu Butariyano, mu gihe urundi ruza guhuza imirwi ibiri yo mu gihugu c’Ubwongereza Manchester City na Liverpool.
MUGISHA Van Naris
Messages
5 avril 2018, 07:31, par king feredence
imigambwe yose isabwe kwiyandikisha mutekano ntihazogire umugambwe uvuga ngo barawurengaNije
15 mai 2018, 08:47, par Luc Ngezahayo
Turashima Ukuntu Muguma Mutumenyesha Amakuru Yinkino Mugihugu No Hanze Yigihugu