Accueil > Inkino > Amahiganwa > Ligue des champions : Paris Saint Germain ntiyorohewe ku kibuga ca Réal (...)
Ligue des champions : Paris Saint Germain ntiyorohewe ku kibuga ca Réal Madrid
jeudi 15 février 2018
Ligue des champions : Paris Saint Germain ntiyorohewe ku kibuga ca Réal Madrid
Inyuma y’ugutsindwa igitsindo ca mbere, Réal Madrid ntiyadehukiwe, yahavuye yivyukiranya, Christiano Ronaldo ashiramwo ibitsindo 2, mugenziwe Marcelo nawe ashiramwo ikigira gatatu, gutyo Paris Saint Germain iba itekerewe ibitsindo 3 kuri kimwe i Santiago Bernabeu.
Urukino rwahuje Paris Saint Germain na Réal Madrid rwari rurindiriwe n’abatari bake, Mu gihe abatari bake bari bizeye ko Paris Saint Germain ihava yibagiza abakunzi bayo umubabaro bagize kuri FC Barcelona mu mwaka wa 2017 aho yatsinzwe 6 kuri 1, amahirwe ntiyabereye imbere ya Réal Madrid.
Paris Saint Germain yatanguye gutsinda igitsindo ku munota wa 33 cinjijwe na Adrien Rabiot, gutyo batangura kwizera intsinzi. Umurwi wa Réal Madrid ntiwaciwe intege n’igitsindo cinjiye.
Imbere y’uko igice ca mbere c’urukino kirangira, ku munota wa 44, Christiano Ronaldo yatsinze Penalty kw’ikosa rikozwe na Giovani Lo Celso, Igice ca mbere kirangira ari igitsindo kimwe ku kindi.
Mu gice ca kabiri, Paris Saint Germain yagerageje gusatira ariko biba ivy’ubusa, Zinedine Zidane araheza agira umukenyuro wo gushiramwo abakinyi 2, Lucas Vaquez na Marco Asencio, bakiri bato kandi banyaruka, urukino ruraheza rurahindukira, Christiano Ronaldo yiyongeza ikindi gitsindo ku munota wa 83.
Inyuma y’iminota itatu gusa, Marcelo, ku mupira mwiza cane ahawe na Marco Asencio, yinjiza igitsindo kigira gatatu, urukino rurangira Paris Saint Germain itekerewe ibitsindo 3-1.
Mu rundi rukino, Liverpool Fc yo mu bwongereza yitsinze ibitsindo 5 vyose ku busa ;
Urukino rwo gusubiriza hagati ya Réal Madrid na Paris Saint Germain rutegekanijwe mu ndwi zitatu itariki 6 Ntwarante ku kibuga ca Parc des Princes, aho Emery Unaї, umumenyereza wa Paris Saint Germain yizeye kugira « Remontada » aheze aje mu gice ca kane gishira ica nyuma.
BUKURU Pacifique