Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Lionel Messi yafashije igihugu ciwe gukina igikombe c’isi ku buryo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lionel Messi yafashije igihugu ciwe gukina igikombe c’isi ku buryo (...)

Lionel Messi yafashije igihugu ciwe gukina igikombe c’isi ku buryo butangaje

mercredi 11 Gitugutu 2017

Kuva ku munota wa mbere w’urukino, icizere c’igihugu ca Argentine co kwitaba ihiganwa ry’igikombe c’isi nticari bwaboneke, ariko inyuma y’inguvu n’ubuhinga bw’umukinyi Lionel Messi gushika ku munota wa nyuma vyatumye umurwi nserukiragihugu wa Argentine uronka uburenganzira bwo gukina igikombe c’isi mu mwaka wa 2018.

Igitsindo ca mbere c’umurwi nserukiragihugu wa Argentine cinjiye ku munota wa 12 w’urukino cinjijwe na Lionel Messi ku mupira bahanahanye na Angel Di Maria akinira umurwi Paris Saint Germain aca atsinda n’ukuguru kw’i bubamfu.

Ku munota wa 20, umukinyi Lionel Messi nyene yinjije igitsindo ca kabiri ku mupira ahawe na Di Maria, yiyongera n’ikindi ku munota wa 63, urukino rurangira Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelone yinjije ibitsindo bitatu wenyene anashikana umurwi wiwe mu gikombe c’isi.

Inyuma y’urukino, Lionel Messi yashikirije ijambo avuga ati : ‘’Kubw’igitangaza biradutwengeje kandi vyose biheze neza. Turatekanye, twashitse ku ntumbero, nico gihambaye.’’

Ku ruhande rwiwe, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Argentine Jorge Sampaoli yavuze ko Lionel Messi ari umukinyi wa mbere muri kahise.

Ati : "Ni umukinyi mwiza wo muri kahise k’umupira w’amaguru, ndanezerewe kuba mu murwi k’uruhande rwiwe.’’

Uko umurwi nserukiragihugu wa Argentine watangaje abatari bake niko umurwi nserukiragihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika watangaye ubuze uburenganzira bwo gukina ihiganwa ry’igikombe c’isi utsinzwe n’uwa Costa Rica ibitsindo bibiri kuri kimwe.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.