Accueil > Amakuru > Mu makungu > Londres: Igitero c’abitwaje imbugita cahitanye batandatu
Londres: Igitero c’abitwaje imbugita cahitanye batandatu
dimanche 4 Ruheshi 2017
Amakuru ava mu gisagara ca Londres tukayakesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko hejuru yabo bantu batandatu bapfuye,hari na batatu mu bagize ico gitero bapfuye barashwe n’igipolisi.
Amakuru ava mu gisagara ca Londres amenyesha ko abagize ico gitero baje ari benshi bari mu modoka yo mu bwoko bwa Camionnette mu kibanza citwa London Bridge kirimwo abantu benshi baca batangura kubica bakoresheje imbugita.
Umuvugizi w’igipolisi amenyesha ko abapolice baciye bihuta gutabara babanje kurwanya abo bagize ico gitero, mu bategetsi naho bakamenyesha ko ico ari igitero c’iterabwoba cakozwe .
Hari haheze indwi zibiri gusa habaye ikindi gitero mu gisagara ca Manchester,igitero cahitanye abarenga 20,mu gihe bari mu kibanza citwa Manchester Arena.
MUGISHA Van Naris