Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Lumitel yatanguje ikarata simu y’abanyeshure
Lumitel yatanguje ikarata simu y’abanyeshure
mardi 20 Nyakanga 2016, par
Mu ntumbero y’ukworohereza abanyeshure bo mu mashure yisumbuye n’aya kaminuza bipfuza gutumatumanako, Lumitel yashizeho uburyo bufasha abanyeshure bose bo mu Burundi, ubwo buryo bukaba buhuriranye n’ukwezi kw’icenda gusanzwe ari ukwo gusubira kw’ishure, ku banyeshure bahora mu buruhuko bw’ici.
Ikarata simu yitirirwa abanyeshure "Carte SIM Etudiant" niyo yatangujwe na Lumitel igatangwa ku munyeshure yerekanye ikarata y’ishure. Iyo karata simu igurwa amafaranga amajana atanu, ikaba irimwo akarusho (Bonus) k’amafaranga igihumbi.
Umunyeshure yaguze iyo karata simu ahabwa uko ukwezi gutashe ama "Mega" ijana hamwe n’ama mesaje ijana, mu kiringo c’umwaka wose.
Tubamenyeshe ko mu gihe umunywanyi akoresha iyo karata simu ashoboye kugura ama inite agera ku gihumbi kimwe ku kwezi, biba bishoboka ko ahamagara abandi banyeshure bakoresha iyo karata simu nyene, ku mafaranga yakuwe kw’ijana na mirongo ibiri, ashirwa kw’ijana ku munota, mu kwezi kwose kw’icenda.
IGIHE
Messages
20 Nyakanga 2016, 11:55, par NSENGIYUMVA Marius
Turabashimiy cane kuko natwebwe abanyeshure tugiye kworoherwa!
20 Nyakanga 2016, 13:44, par Kabila Nshimirimana
Murakoze Cane Natwe Abanyeshure Dukeneye Itumatumanaho Kand Nivyiza Cane Abanyeshure Turabikwiye
20 Nyakanga 2016, 17:01, par Pierre Ndayisenga
Murakoze cane kuzana iyi carte sim kuko ije kworohereza umunyeshure na cane cane ko twari dusanzwe dukenye mugize neza!. Akabazo rero, uwarasanzwe afise iyindi carte sim isanzwe muzoyimuha azitunge ari 2?
20 Nyakanga 2016, 19:28, par HATUNGIMANA SERGES
Ni sawa ko natwebwe abanyeshure ko mwatwibutse.none jew ko mfise karanga muntu yanditsoko umunyeshure kand ndiwe.nne noyironka?ko harih aho igurwa igihumbi.nkeneye umuco.
21 Nyakanga 2016, 13:48, par samuel
Non kubanyeshure ba kaminuza bo mubategekanirije iki?
2.kuwusanzwe afis umurongo wa lim we ntimwomuhindurira mukamuha iyo num nyen me ya lim etu?
Murakoz lim turayikunda.
22 Nyakanga 2016, 13:20, par NIYUBAHWE
turayishimiy ese niyindi mihora yogenz’atyo
27 Nyakanga 2016, 23:34, par Shumbusha Paul
Icokiringocokugurisha Ikarata Sim Kimara Ukwezikumwegusa? Noneuyifisentuterefonakuyindinimeroyalumitel AtariyumunyesIcokiringocokugurisha Ikarata Sim Kimara Ukwezikumwegusa? Noneuyifisentuterefonakuyindinimeroyalumitel Atariyumunyeshure?