Accueil > Inkino > FOOTBALL > Lydia NSEKERA yatowe kuja mu murwi nshingwabikorwa wa FIFA
Lydia NSEKERA yatowe kuja mu murwi nshingwabikorwa wa FIFA
dimanche 19 Ntwarante 2017
Lydia NSEKERA yahoze arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu burundi yatowe ku ncuro ya kabiri ngo aje mu murwi nshingwabikorwa w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA.
Lydia NSEKERA yatowe mu nama igira 39 isanzwe y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika yabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopiya Addis-Abeba, inama yatoye kandi umukuru mushasha w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika.
Umupfasoni Lydia NSEKERA yari asanzwe ari mu murwi nshingwabikorwa wa FIFA kumara imyaka ine, asubiye gutorwa kandi kugira amare iyindi myaka ine ari muri ayo mabanga.
Mwomenya ko iyo nama isanzwe y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF yitabwe kandi na Reverien NDIKURIYO arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.
IGIHE
Messages
19 Ntwarante 2017, 09:38, par n
Burundi
19 Ntwarante 2017, 10:44, par Mwumba
Vyiza cane,DD kabasye
20 Ntwarante 2017, 05:18, par .
Ldya, ntanakimwe yigeze apfa na DD kuva hatanguye imigumuko yomuri 2015 ahubwo urya numu DD akwije ibisabwa vyose.
20 Ndamukiza 2017, 10:46, par Gateka
sha lydia n,umupfasoni mwiza kbs!!! Ntakab kiwe kuri DD