Accueil > Amakuru > Poritike > MSD : Umuhuza Benjamin Mkapa yavuze ivyavuye mu biganiro bitaratangura
MSD : Umuhuza Benjamin Mkapa yavuze ivyavuye mu biganiro bitaratangura
vendredi 24 Ruhuhuma 2017
Umugambwe MSD umenyesha ko utangazwa no kuba umuhuza mu biganiro vy’abarundi Benjamin Mkapa yamenyesheje ko habaye ukwumvikana ku bibazo bihanze igihugu, kandi abegwa n’ivyo bibazo bataratangura kubiharirako.
Mw’itangazo umugamwe MSD wasohoye kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, riterwako umukono n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Francois NYAMOYA, uwo mugambwe umenyeshako umuhuza yahejeje ibiganiro bitaranatangura.
Muri iryo tangazo,umugambwe MSD umenyesha ko wisunze ivyashikirijwe n’umuhuza Benjamin Mkapa, yobishikiriza inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu vy’akarere ka Afrika y’Ubuseruko kugira bige ku ntambamyi zibangamiye ibiganiro.
Umugambwe MSD umenyesha ko wisunze ivyashikirijwe n’umuhuza Benjamin Mkapa inyuma y’ibiganiro vyabaye kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,hari ukudatahura ikibazo kiri mu Burundi, hakaba kandi no guhengamira ku buryo bwinyegeje ku ruhande rwa Reta y’Uburundi.
Mwomenya ko umugambwe MSD utitavye ibiganiro vyabaye kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 19 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,ukamenyesha ko wagumye umenyesha imvo zatumye utitaba ivyo biganiro.
IGIHE
Messages
24 Ruhuhuma 2017, 15:08, par jambos
ko mutavyitavye ntivyabaye?muratwenza kweri
24 Ruhuhuma 2017, 18:45, par .
Oya abarundi barafise ivyobumvikanye, ahubwo ivyobiganiro muvuga bitaratangura nivyabababirigi barihamwe na Kagame, nutwodukoreshotwabo twabarundi turiko turaserura amajwi.
24 Ruhuhuma 2017, 21:17, par DEUS
EMWE IVYO MSD IVUGA NIVYO!BIRYA BIGANIRO HARIMWO MCEZO WA NDANI!NIBARONDERE AMAHORO YUKURI!
25 Ruhuhuma 2017, 17:04, par haburanimana gerard
Ivyo MSD ishikirije , ntaco ibeshemwo . Kko abasirikare bataye igisirikare hamw n’iyindi mirwi yafashe ibirwanisho ndetse na societe civile yagiye mwibarabara yiyamiriza isenyurwa ry’amasezerano y’i Arusha badatumiwe ivyo biganiro ntaco bizoshikako na gato . Abagiye i Arusha bishakira utwo barya gusa .