Accueil > Amakuru > Poritike > Magera:’’ Nta nsiguro n’imwe ituma abanywanyi b’umugambwe bahagarikwa’’
Magera:’’ Nta nsiguro n’imwe ituma abanywanyi b’umugambwe bahagarikwa’’
vendredi 24 Ntwarante 2017
Inyuma y’iminsi iheze abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA bahagarikwa kandi bagapfungwa, umuvugizi w’uwo mugambwe Aime MAGERA, amenyesha ko ata nsiguro nimwe ihari ituma bahagarikwa.
Aime MAGERA avugira umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko abanywanyi b’umugambwe FNL bahagarikwa bagirizwa kugirisha inama zidakurikije amategeko, kandi atari vyo.
Kubwa Aime MAGERA avuga ko ihagarikwa ry’abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA ari agasomborotso n’igikenye c’abari ku butegetsi.
Umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA amenyesha ko hari amakuru yo kwizera ko, intonde z’abanywanyi b’umugambwe bategerezwa guhagarikwa bagapfungwa ziriho kandi zamaze gutunganywa.
Aime MAGERA asaba amakungu gufasha kugira abanywanyi b’umugambwe FNL urongowe na Agathon RWASA barekurwe.
IGIHE
Messages
24 Ntwarante 2017, 14:17, par GAHUTU Remy
NATW BIRADUSHAVUZA CANE.I KARUSI HO NAKAGA.WAIT AND SEE
25 Ntwarante 2017, 07:29, par junior tabemba
guharikwa bakoz amakosa nivyo kuk sivyiza kugira imana utamenyeshej uwutwara ako kare mugir muyikoremwo n’abumugambw wa CNDD-FDD uzwi neza kur kubutegets barinda kurusaba haraho bemerwa canke bakankirwa nimwiyomv mbes nimpanuro ndababwiy muntubero yuko batoza barahagarikw
26 Ntwarante 2017, 23:45, par Anise
Nibarkeiyindimigabwe Ikore,
15 Ndamukiza 2017, 14:48, par Kin-jo Naha Nana
Abo Banamarimwe Ni Bakomere Kk Akabo Bariko Bakuramwo Nakare Ijambo Ry Imana Rivuga Ngo Ingero Tugeramwo Niyo Tuzogererwamwo Kandi Uwicisha Inkota Azicwa Ninkota.Samandari Ati:uraba Wumva Niwe Ubarirwa.Ukoma Urusyo Akoma Ningasiro.Twikebuke Tumenyeko Twe Turi Abavukagihugu Atawo Guhebwa Canke Kuba Inkundwakazi Ngo Igendere Kubandi