Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mairie : CEPI yashikirije abagize imirwi y’amatora mu ma komine - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Mairie : CEPI yashikirije abagize imirwi y’amatora mu ma komine

Mairie : CEPI yashikirije abagize imirwi y’amatora mu ma komine

mercredi 10 janvier 2018

Muri komine ya Ntahangwa ,umukuru w’umurwi ujejwe amatora muri iyo komine ni Honore NIYOMUKIZA umuhutu wo mu mugambwe CNDD FDD,icegera ciwe ni Pascaline BIZIMANA asanzwe ari umuhutukazi wo mu runani rw’Amizero y’Abarundi,uwujejwe ibikoresho akaba ari Joseph CIZA umututsi wo mu ntwaro ya komine Ntahangwa.

Abandi bari mu bagize uyo murwi muri komine Ntahangwa ni Fides NIYONIZIGIYE umuhutukazi wo mw’ishirahamwe “Ligue Izere Ntiwihebure” hamwe na Emelyne IRAKOZE umututsikazi wo mu mugambwe wa UPRONA.

Muri komine MUKAZA,umukuru w’umurwi ujejwe amatora ni Patrick MBONYUMUGENZI umuhutu wo mu mugambwe CNDD FDD,icegera ciwe akaba ari Nadine INEZA umuhutukazi wo mw’ishirahamwe KAZAM nayo uwujejwe ibikoresho ni Aline HABONIMANA umututsikazi ava mu mugambwe FRODEBU Nyakuri Iragi rya Ndadaye.

Abandi bagize uwo murwi utunganya amatora muri MUKAZA ni Jean Marie BAYAGA umututsi wo muri UPRONA hamwe na Aymar Regis TUYISHEMEJE umuhutu yavuye mu ntwaro yo muri iyo komine.

Muri komine ya MUHA,umukuru w’umurwi ni Adolphe NSHIMIRIMANA umuhutu ava mu mugambwe CNDD FDD ,icegera ni Menard NKENGURUTSE umutusti wo mu mugambwe UPRONA nayo uwujejwe ibikoresho akaba ari Johari ATHUMANI wo muryango w’abisiramu mu Burundi COMIBU.

Abandi bari muruyo murwi ni Alice Ndayisenga umututsikazi wo mu mugambwe FNL hamwe na Fidele BUTOYI umuhutu wo mw’ishirahamwe OADAM.

Mwomenya ko abo bashikirijwe bazorahira kw’igenekerezo rya 15 nzero 2018


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.