Accueil > Amakuru > Ubutungane > Major Désiré UWAMAHORO yasabiwe gupfungwa umwaka umwe
Major Désiré UWAMAHORO yasabiwe gupfungwa umwaka umwe
samedi 3 Kigarama 2016, par
Major Désiré UWAMAHORO yahora arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko yasabiwe gupfungwa umwaka umwe. Abandi batanu bapfunzwe hamwe bagirizwa icaha kimwe basabiwe umunyororo w’imyaka itanu, ariko bose bakaba kandi basabiwe gutanga amafaranga y’amarundi agera ku muriyoni.
Mu ntahe yabaye kuri uwu wa gatanu muri Sentare ya Bubanza, Major Désiré Uwamahoro na bagenzi we bagirijwe ko banyuruje amafaranga y’amadorare agera ku bihumbi 29, y’umurwizatunga wo mu gihugu ca Syria azwi kw’izina rya Ahmed Kassim Issa. Major Désiré UWAMAHORO akagirizwa ko yari yemereye uwo murwizatunga kumuha inzahabu zivuye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ariko ntiyazitanga.
Uwo aheruka gukurwa mu burongozi bw’igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko ariyamiriza ivyo yagirizwa, akavuga ahubwo ko igikorwa yari yahawe n’abamukurira cari ico gucungera umutekano w’uwo murwizatunga avuga ko yibwe.
Urubanza rw’ingingo sentare izofata kuri ivyo bihano vyasabiwe Major Désiré UWAMAHORO na bagenzi we ruzosomwa kw’igenekerezo rya 2 Nzero 2017.
IGIHE
Messages
3 Kigarama 2016, 12:43, par Issa
Ako s’akamaramaza,uwivye impene canke igitoke afungwa imyaka itanu,uyo wewe yinjiye ku kibuga c’indege y’injira mu ndege ngo umwaka umwe,aho usanga nayo mahera barayamuhebeye naho bavuga make,ewe Burundi waragowe utwagwa n’ibigugu,ibirofa
3 Kigarama 2016, 15:10, par Muyahudi
Haaa Ivyikigih Biragoy Pe!
3 Kigarama 2016, 15:11, par Muyahudi
Haaa Ivyikigih Biragoy Pe!
3 Kigarama 2016, 17:19, par Oya
Ngira ntiyahaye chef nayo ahandiho akora nkabandi ba DD bose bari ku butegetsi.
3 Kigarama 2016, 18:29, par Hutsi
Ndaremye kontumvisemwo ijambo ryuko bobabarashatse kugandagura abantu nogukorana naza mujeri ariko nivyobagirizwa nimbarivyo nibabahane ubutungane bwacu ndabwizeye buzobaha ibihano bibabereye.
3 Kigarama 2016, 19:43, par Ndayi
Bizogendagute
3 Kigarama 2016, 20:01, par Karorero
Nimurekure iyo ntama yemwe aho ntimubona iyi misi amaz adakora akazi ingene abagumutsi bari baduhekuy willy nyamitwe nimumurekure aje kurwanya abagumutsi mbe jacket Bigirimana vugiryanyuma namutama S.E arivumere barekur iyo ntwar yigihugu muzoba mukoze.
3 Kigarama 2016, 21:23, par Ntaco Bintwaye
Emwe Ivyuburundi Nihatarai!!None Karaciye Ingani Habure Abizigigwa Mugihugu C’Uburundi.Uwambere Ngo Manda Yiwe Ntiragera!None Ehe Ayo Tubonye!!!Mana Yacu Garukira Uburundi!Kuko Bugeze Ahatemba.
4 Kigarama 2016, 00:35, par Morodikayi Jon
Aho asimba avunika iyo ufuzwe nuwagutumye gukoribibi, uwagutumye kugira ntahinyuke arakubika mwibuye vyanka bishoboka.Ivyo vyashikiye UWAMAHORO bikwiye kubera akarorero beshi bahano muburundi !, ababakuriye muri reta babahenda ngo genda mwice, bakagenda bigerahejuru mukuja gutikiza! abo babatuma nirazima bazobahinduke kuko ntampera yu murozi.
4 Kigarama 2016, 04:59, par folmand
Ariko abatavugarumwe n’ubutegetsi n’amakungu bagacafuza Leta y’uburundi ngo ntihana abakozi bayo bakora amakosa, none mushaka ihane n’abatakosheje Ugira uwu si umwe mubari begereye ubutegetsi none ntapfunzwe, nous sommes reellement dans un Etat de droit contrairement a ce que l’opposition diffuse chaque jour.
4 Kigarama 2016, 09:34, par muco
Urwanda..rwaguze Indi ndege shasha yo mubwoko bwa Airbus 330-300, ikaba itwara abantu 274 bose hamwe....bagiye gutagura kuja USA na UK..Chine.. Asia....
4 Kigarama 2016, 13:33, par Musaga
@Muco bambwirire sha,u Rwanda rugeze kure muri devellopement,nta mwanya rufise mu mwanda w’Abarundi, ngo ruhiga kwica Nyamitwe!!hhhaah,mureke ishari,Ujinga Mzigo
5 Kigarama 2016, 07:04, par inteko
Mbe igihano c’umwaka kirahagije kumabi uwo mwicanyi karuhariwe yagirizwa KO mumukurikirana kwivyo vyubusuma naho nyene kuko bazurumanye nabamutuma kuki mutamukurikirana kubantu yakagandaguye niba arikwivyo mwoshaka mukamurekura nuwo mwaka atawumaze kuko murubu Burundi siwe musuma wenyene kuko arafise abamutuma aha mwubu Burundi birazwi ko atabutungane buhari ariko igihe kizogera intahe ifate ijambo naho ivyo murimwo nukudusamaza ababipfa nababisangiye
5 Kigarama 2016, 18:18, par ALIDI HICUBURUNDI
NAKARE NTA UKURI KURANGWA MURI RETA YA NKURUNZIZA NAMANYANGA GUSAAAAA.
6 Kigarama 2016, 07:03, par nivyo
nagira ndakwishur munt w’Imana issa vyukuri uvze nab umukuru imisiyos yamarukuru ntabwo aba ikirofa ijambo ry’Imana ridutegka kubaha uwowes aganza atwar neza cank nabi ntabubasha ubumufiseko bwokumuvuma ico ugikoze uba wiyish wewe ubwawe mpaririza sha nyamba utanyuzwe wongerez imivumo.
6 Kigarama 2016, 20:07, par ndayikeza gèdèon
ivyo ntibaho nagato
9 Kigarama 2016, 18:22, par pacifique
esc ncuti kuki désire uwamahoro yoba yarakoze ishano nkiryo? canne kuki yoba ahakana KO atariwe yabikoze?mbegaho tuzoba twemerewe kuja kwumviriza urwo rubanza le 2janv.2017?
19 Kigarama 2016, 17:04, par Mahirwe
bagenzi imana ikora ivyayo