Accueil > Amakuru > Amatongo > Makamba: DPAE irahumuriza abanyagihugu ko udukoko twateye ibiterwa tutonona (...)
Makamba: DPAE irahumuriza abanyagihugu ko udukoko twateye ibiterwa tutonona amagara y’abantu
samedi 21 Nzero 2017
Ubuyobozi bw’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Makamba burabeshuza amakuru avuga ko hari udukoko twateye amababi y ‘ibiterwa dufise ngaruka mbi ku magara y’abantu.
Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Makamba amenyesha ko utwo dukoko twibonekeza na cane cane ku mababi y’ibiterwa bifise amababi nk’ibiharage,imboga z’irengarenga n’imboga z’amashu.
Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi mu ntara ya Makamba arahumuriza abanyagihugu bo muri Komine ya Nyanza-Lac aho utwo dukoko twibonekeza,ko ari udukoko dusanzwe twica utundi dukoko twonona ibiterwa.
Utwo dukoko twarigeze kuboneka muri ico gice mu mwaka w’1980.
IGIHE
Messages
22 Nzero 2017, 13:24, par akson paul
ubwobukoko none twobutuza gute?kotwumva pronvince yamakamba yafashwe yose mukayogoro nibara
20 Ntwarante 2017, 20:52, par JOVENALE
NIBATUTUZE