Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Makamba: Ikigo OBR cafashe imatera zifise agaciro karenga imiriyoni (...)
Makamba: Ikigo OBR cafashe imatera zifise agaciro karenga imiriyoni 5
jeudi 7 Nyakanga 2017
Amakuru ava mu kigo OBR amenyesha ko imatera 41 zifise agaciro k’amafaranga 5460000 y’amarundi zafatiwe mu ntara ya Makamba.
Hari haheze ikiringo kidashika n’ukwezi ikigo OBR kiri kumwe n’abajejwe umutekano gifashe ibitenge bifise agaciro karenga gato imiriyoni 5 z’amarundi bivuye mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.
- Imatera zafashwe n’ikigo OBR
Kuri uwo munsi,umuyobozi w’ikigo OBR Audace NIYONZIMA yamenyesheje ko iyo ibidandazwa nk’ivyo bifashwe banyenevyo barihishwa amakori bakarenzako n’ihadabu,iyo batabigomboye mu kiringo c’ukwezi bikagurishwa icamunara.
Audace NIYONZIMA arongoye ikigo OBR yavuze ko abafashije kubifata bahabwa ibice 10 kw’ijana vy’amafaranga angana n’agaciro kavyo.
MUGISHA Van Naris
Messages
7 Nyakanga 2017, 12:16, par nephtalie
Kuki abandandaza babandanya banka kuriha amakori y’ibidandazwa vyabo kandi batagabanya ibiciro ku bakiriya ?Nibamenyere gukora urudandazwa ruciye mumategeko kugira urudandazwa rwabo rugende neza. Atar’uko naho jewe ndabibona nk’umugararizo kuko basanzwe bazi ko bihanwa n’amategeko.