Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba: Ikiziga c’umwana catowe mu kinogo gishikiramwo umwanda
Makamba: Ikiziga c’umwana catowe mu kinogo gishikiramwo umwanda
jeudi 14 Nyakanga 2017
Uwo mwana yari azwi kw’izina rya Bellard ICIKUNZE yakuweyo n’abakozi b’umuryango utabara imbabare Croix Rouge bari kumwe n’abaporisi bakorera mu gisata co gukinga impanuka.
Amakuru ava mu ntara ya Makamba amenyesha ko Bellard ICIKUNZE yari yazimiye kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 9 Nyakanga 2017.
Ikiziga c’uwo mwana kiri mu buruhukiro vy’ibitaro vy’intara ya Makamba mu ntumbero yo kukigirira ibipimo, nayo abantu batatu harimwo abakozi babiri bo mu nzu n’umwe wo mu muryango wiwe bari mu minwe y’igiporisi ku mvo z’amatohoza.
MUGISHA Van Naris