Accueil > Amakuru > Ubutungane > Makamba: Umunywanyi w’umugambwe MSD ari mu minwe y’igipolisi
Makamba: Umunywanyi w’umugambwe MSD ari mu minwe y’igipolisi
lundi 20 Ntwarante 2017
Umunywanyi w’umugambwe MSD azwi kw’izina rya Emmanuel NTAKARUTIMANA ari mu minwe y’igipolisi kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 18 Ntwarante,umwaka wa 2017.
Emmanuel Ntakirutimana yahagaritswe n’igipolisi ku mutumba wa Mbizi, muri komine Kibago,intara ya Makamba,apfungiwe mu gasho k’igipolisi i Kibago.
Amakuru ava i Kibago amenyesha ko Emmanuel Ntakirutimana ari mu bapfungwa baheruka kurekurwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu, inyuma yo kumara imyaka yababa ibiri iri mw ‘ibohero yagirizwa gutunga ibirwanisho atabifitiye uruhusha.
Amakuru ava mu muryango wiwe, amenyesha ko bafise amakenga ku mutekano wiwe kuko yahagaritswe ata mutahe wo kumuhagarika,kandi imvo yatumye bamuhagarika itaramenyekana.
IGIHE
Messages
20 Ntwarante 2017, 09:45, par bamare
barabama, muga namwe namwe mwari mwagerageje za 1972 na 1993 ivyimbere ya 72 ntavyonzi ariko ivyondabizi, jewe muri 1993 umututsi buyoya ategetse bikomagu baramaze umutumba wose, bica baturira