Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Umwana w’imyaka 14 yishwe n’umuvukanyi wa Se wiwe
Makamba : Umwana w’imyaka 14 yishwe n’umuvukanyi wa Se wiwe
vendredi 25 Myandagaro 2017, par
Uwo mwana yishwe n’umugabo avukana na Se wiwe, uwo mugabo nyene akaba ariwe yakomerekeje n’umupanga kandi n’uwundi mwana avukana n’uwo yishwe.
Mu giporisi mu ntara ya Makamba bavuga ko uwo yagirizwa ivyo vyaha ari mu minwe y’ubutungane.
Uwundi muntu umwe yakomeretse nawe nyene atekagujwe umupanga muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke. Uwo yahatswe kugandagurwa ni umutamakazi w’imyaka 60 yatewe ku rugo iwe n’abasuma batanu bitwaje imipanga, bakaba bagiye bamwivye amafaranga yose yari afise, hamwe n’ikinga ryiwe.
Mu giporisi mu ntara ya Cibitoke bavuga ko bariko bararondera uwo murwi w’abasuma wasahuye uwo mutamakazi, ugahakwa n’ukumugandagura.
Egide NDUWIMANA
Messages
26 Myandagaro 2017, 10:19, par nephtalie
nibara turi mugihe c’iherezo ivyo ni ibimenyetso vy’ibihe twiyubare bene Data yesu ntanakimwe atatubwiye urukundo ruzotimba kwica mwene so vy’ukuri? Imana idutabare vyukuri.Ni babahane hakurikije amategeko igihugu cacu ubutungane buracahari nibabacire urwo bikwiranye.
30 Myandagaro 2017, 22:03, par Saruvatori