Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali :Amatora yo mu turere yungururijwe ku rindi sango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali :Amatora yo mu turere yungururijwe ku rindi sango

Mali :Amatora yo mu turere yungururijwe ku rindi sango

lundi 27 novembre 2017

Amakuru dukesha ikinyamakuru Jeuneafuque, amenyesha ko Reta yasiguye ko yunguruje isango ry’amatora kugira hategurwe amatora atawe akumira, kandi abaye mu mahoro nkuko bisabwa n’abafise uruhara bose mu matora.

Umushikiranganji w’intwaro mu gihugu Tiéman Hubert Coulibaly yavuze ko ibikoresho vyose bikwiye ariko bategerezwa kubandanya gutegura amatora mu ruhande rwa poritike kugira bose bayitabe kandi agende neza.

Ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta, Tiébilé Dramé arongoye umugambwe Parena amenyesha ko kuba bigije inyuma isango ry’amatora vyerekana ukubura ishaka n’ubushobozi buke k’uruhande rwa Reta ya Mali.

Mu gihe ikibazo c’umutekano muke kiguma kigaruka ku ruhande rw’abatavuga rumwe na Reta, babandanya bemeza ko Reta idashobora kugarukana amahoro mu gihugu, yongere itunganye amatora.

Tiébilé Dramé amenyesha ko amakenga ari menshi kuko amatora y’umukuru w’igihugu yari ategekanijwe mu kwezi kw’indwi 2018, nayo ashobora guca yigizwa inyuma.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.