Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mali : Umusirikare wa ONU yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Umusirikare wa ONU yagandaguwe

Mali : Umusirikare wa ONU yagandaguwe

mardi 4 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umusirikare w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ari mu bagiye kubungabunga amahoro muri Mali yishwe, abandi barakomereka mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Mali, mu bitero vyakozwe ku kambi y’abo basirikare iri hafi y’urubibe Mali ihabwa n’igihugu ca Algerie.

Mw’itangazo ryashikirijwe na ONU, bamenyesheje ko hakozwe ibitero bine ku makambi y’i Aguelhok, bihitana umusirikare umwe wa ONU akomoka muri Chad. Ivyo bitero vyakomerekeje abandi basirikare umunani.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-moon asaba ko hakwiye gufatwa ingingo ku bakoze ivyo bitero, ibitero yise ivyaha vyo mu ntambara hisunzwe amategeko mpuzamakungu. VOA ivuga ko gushika ubu ata muhari n’umwe uriyitirira ivyo bitero.

Ico gice co mu buraruko bwa Mali cabereyemwo ivyo bitero cari carigeze gufatwa n’abarwanyi b’aba Islamiste mu mwaka w’2012, bahakurwa n’abasirikare b’Ubufaransa mu mwaka w’2013, ariko abo barwanyi bakaba bakigenzura uduce tumwe tumwe.

N’aho utawuriyemerera ko ari inyuma y’ivyo bitero vyakozwe, umuhari w’iterabwoba al-Qaida uracabandanya iterabwoba muri Mali. Abasirikare 32 ba ONU nibo bamaze gusiga ubuzima mu bikorwa vy’iterabwoba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.