Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Malte : Umumenyeshamakuru Daphne Caruana Galizia yahitanywe n’igisasu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Malte : Umumenyeshamakuru Daphne Caruana Galizia yahitanywe n’igisasu (...)

Malte : Umumenyeshamakuru Daphne Caruana Galizia yahitanywe n’igisasu yatezwe

mardi 17 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Amakuru ava aho mu Mazinga ya Malte amenyesha ko ico gisasu bagiteze mu modoka yiwe mu gihe yashaka kuja mu buraruko bw’iryo zinga.

Daphne Caruana Galizia yakunda kwandika ku rubuga rwiwe amakuru y’abanyeporitike bakomeye bo muri iryo zinga barya ibiturire, na cane cane umushikiranganji wa mbere Joseph Muscat hamwe n’umupfasoni wiwe bivugwa ko bakoresha amakonte atamenyekana kugira banyegeze amafaranga bahabwa, ariko uwo mushikiranganji n’umupfasoni wiwe bakaba bavyamirira kure.

Inyuma y’urwo rupfu rwa Daphne Caruana, umushikiranganji wa mbere Muscat yashikirije ko agiye gukora ibishoboka kugira abakozwe ico gikorwa kigayitse kitari bwabe murii co gihugu bamenyekane kandi bashigwe imbere y’ubutungane.

Daphne Caruana Galizia yavutse mu mwaka w’i 1964 i Sliema muri Malte akaba yitavye Imana afise imyaka 53.

JPEG - 41.6 ko
Umumenyeshamakuru Daphne Caruana Galizia

Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.