Accueil > Amakuru > u Burundi > Martin NIVYABANDI : "ONU yasohoye icegeranyo ca poritike"
Martin NIVYABANDI : "ONU yasohoye icegeranyo ca poritike"
jeudi 22 Nyakanga 2016
Reta y’Uburundi iranegura icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU giheruka gusohorwa n’abahinga bakoze amatohoza kw’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Muri Reta y’Uburundi bamenyesha ko ico cegeranyo ari ica poritike, kurusha uko cari kuba ic’abahinga bigenga.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu yamenyesheje ko ico cegeranyo kitavuga ivyo Reta y’Uburundi yashikirije vyerekana ibimenyetso vyateguwe vyongera bikorwa na bamwe bamwe mu baserukira imigambwe itavuga rumwe na Reta, hamwe n’abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bagirizwa na Reta y’Uburundi ko bashatse gusenyura ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.
"Mu kiringo bamaze mu Burundi, abo bahinga barabonanye n’inzego zitandukanye zijejwe agateka ka zina muntu. Yamara rero ico cegeranyo cashikirijwe nticigeze cisunga na gato uko ibintu vyagiye bitera bija imbere. Ico cegeranyo rero tubona ko ari icegeranyo ca poritike, hakuba icegeranyo c’abahinga ataho begamiye." , umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu akavuga ko ico cegeranyo cisunze cane cane ivyashikirijwe mu vyegeranyo vy’amashirahamwe amwe amwe yigenga.
- Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu
Ku bijanye n’abantu baburirwa irengero, abicwa hamwe n’abatorwa ibiziga mu nzuzi, umushikiranganji Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko amatohoza ariko arakorwa kugira hamenyekane ababikora, barengutswe imbere y’ubutungane, kandi bahanwe vy’akarorero. Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu akamenyesha ariko ko ubutungane aribwo bwonyene burekuriwe gukora amatohoza.
"Inzego z’ubutungane akaba arizo zonyene zirekuriwe kugira amatohoza kugira hamenyekane uwagirirwa n’icaha. Ku babuze irengero ryabo canke bahohotewe, twosaba uwo wese yoba afise amakuru ko yoshikira ubutungane kagira habe amatohoza yihuta."
Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.
Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.
Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.
Icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016. Abo bahinga bamenyesha ko muri ico kiringo bamenye ko abantu bagera ku 564 aribo bishwe, bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.
Tubamenyeshe kandi ko abo bahinga basavye inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ko yokwiga namba Uburundi bwogumizwa muri urwo rwego. Mu myaka cumi iheze hashizweho iyo nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, ribaye irya mbere aho kimwe mu bisata vya ONU gisabira igihugu gukurwa muri iyo nama.
IGIHE
Messages
22 Nyakanga 2016, 16:53, par vivi
kanokagabo nakurigafisenamba ndibuka umwaka kakwira uburundibwose gahenda abarimungo karatanga ingurane zivamuri miquolfince nakabeshinamajambo yako arakaranga!
22 Nyakanga 2016, 17:37, par FELIX MUHIRE
Vivi, wewe urubahuka ukita umushingantahe ngo n’akagabo? N’uwo n’umuvumo wikwegera kandi kuwukira bizokugora. Ko Imana yamugize umutegetsi, utegerezwa kumusonera. Ariko iryo shavu n’ubwo bushirasoni werekanye, birasigura neza uruhande urimwo.
22 Nyakanga 2016, 20:23, par alia
nakamara maza ubutegetsi bwankurunziza nakajoreza ! mbega komuvuga ngo ngwa bo bahinga ntiba tohoje neza ngo babajije abo mumashirahamwe yigenga. igihe ategetsi batumiwe muri ONu ntibabuze inyishu kubibazo vyose babajijwe? ubunibwo bibutse ko bafise ivyo bavuga . ntawimena igihute. na bakoze genoside mugwanda nanubu ntibarayemera niba twiteze ko reta yankurunziza izemera ko iriko irica abantu turahera twese ahubwo ONU nikore uburyo bwose ihabwa namategeko itabare uburundi nayo uwo mushikiranganji ivyavuga ntibitangaje ahubwo aze yibeshe avuge ivyo shebuja adashaka Azoca amwirukana narirya abashikiranganji batagira manda
22 Nyakanga 2016, 22:09, par arexandre kayiranga
ntahonyabwoko riri muburundi gusa muburundi ukoze amakosa urahanwa hisuzwe amategeko ntakubarera doricimwananje jenosidemuburundi ntizoba ugwonurudadaza gwugwanda nibagumane ibidandazwa vyabu ONUirabezeza nayomuburundi uzanye amacakubiri ufashe urahanwa abirizamukanwa jenoside nibobariko barayitegura
22 Nyakanga 2016, 22:43, par KURI
ICEGERANYO CA LETA CO CEMEZAKO AGATEKA KAZINA MUNTU KUBAHIRIJWE BAKIBAGIRA ABAPFIRA MWIPEREREZA ABAGENDA NTICGARUKE ABAPFUNGWA KUMUNSI NIBIREBIRE GUSA ICISHE UBURUNDI NUKUTAVUGA UKURI
23 Nyakanga 2016, 16:12, par Mob
Igihugu gishobora gukemura ikibazo cyu Burundi ni urwanda.mwavuga amateshwa yanyu igihe kizagera u Rwanda ruzaza gukemura into bibazo
23 Nyakanga 2016, 17:35, par Bonnie mosonda
Jewendemeko amajambo uwahoze arumukuru wumugabwe c n d d .yavuze ko arayukuri ONU irikuronderera abasodabayo isoko.gereranya muburundi nomuri amerika nine hapfa Bantu beshi?
24 Nyakanga 2016, 10:41, par turaje
muzavuga muruhe kabisa ONU yarababembereje cyane nihataboneka abarundi bafise ubutwari bwokwirako ubutegetsi bwa nkurunziza nimutegereze ko ONU harico izokora
24 Nyakanga 2016, 17:23, par B.G
ARIKO JEWE RETA Y,UBURUNDI IRANTANGAZA?NGIRANGO BABONA ONU KWARI BIJUJU!! URUMVA YUKO UBUTUNGANE BW,UBURUNDI KWARIBWO BWOGIRA AMATOHOZA YABICWA?MBEGA UBWO BUTUNGANE NUBWANDE?SI RETA?NIBO BABICA HAMA NGOBABE ARIBO BAGIRA AMATOHOZA? WEWE WOKWITSINDA?IMANA NIYO IZOCURUBANZA.
26 Nyakanga 2016, 20:44, par Audaceu
iyo abantu bicwa nk’inyamanswa bituma nkanje maze imyaka 20 mu buhungiro ntinya guhunhuka! ONU ifate ingingo kubera ivyo vyonse biba reta y’Uburundi iraho ariko ntanakimwe ibivugako iguma yirorerera kandi abantu bariko bariko baratotezwa ijoro n’umurango.
28 Nyakanga 2016, 13:43, par vivi
felexis muhire urikijujupe nyamba ategeka iwanyu. nisowawe?