Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Masterland arafise inyota yo gushingira intahe urukundo rw’Imana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Masterland arafise inyota yo gushingira intahe urukundo rw’Imana

Masterland arafise inyota yo gushingira intahe urukundo rw’Imana

lundi 15 janvier 2018

Masterland akaba yamaze ikiringo c’indwi yose ari mu mwiherero (retraite), muri Komine ya Matana,mu ndwi irangiza umwaka wa 2017.

Umuririmvyi Masterland yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko umugenzo wo gusenga yawutanguye kera akiri muto, mugabo akabikorana k’ibwirizwa ry’abavyeyi canke nk’umugenzo.

Masterland ati :« Maze gukura, naratahuye ko ndi umuntu kubera ubushobozi bw’Imana, ariyo inzigamye kugera aho ngeze.Naratahuye ko mu mwanya nkigiriwe Ubuntu bwo kubaho,nshaka kurondera imfungurwa z’umutima, ariryo jambo ry’Uhoraho. »

Arongera akavuga ati :« Imana sitwe tuyirondera gusa, nayo iraturondera, gusa kenshi ntitwiyumvira canke ntituyitabe. »

Ku bijanye n’akazi kiwe ka minsi yose, Masterland avuga ko akora umuziki nk’akazi kiwe, ariko kamubeshejeho, ati ariko muvyo akora, nta kimubuza ko agaragara nk’umukirisu muko akora, uko avyifatamwo mu kazi no mu mibereho ya minsi yose.

Mu rukurikirane ariko arakora, Masterland avuga ko harimwo indirimbo zihayagiza Imana, n’izindi zirimwo ubutumwa butandukanye bushingiye ku rukundo mu kibano.


BUKURU Pacifique

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.