Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mediterranée : Abantu barenga 200 baburiwe irengero
Mediterranée : Abantu barenga 200 baburiwe irengero
vendredi 4 Munyonyo 2016, par
Umuvugizi w’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR yemenyesheje ko abantu 29 bari muri bumwe mu bwato bikekwa ko bwibiye hafi ya Libya bashoboye kurokoka. Abandi baharurwa mw’ijana na mirongo ibiri ntibazwi irengero.
BBC ivuga ko abandi bantu babiri bariko baroga bava mu bwato bugira kabiri batabawe. Bavuze ko abo bari kumwe nabo nyene bagera ku 120 mu bwato bugira kabiri, baburiwe irengero.
HCR imenyesha ko abenshi mu bari muri ubwo bwato uko ari bubiri bashobora kuba baturuka munsi y’ubugaragwa bwa Sahara.
Ishirahamwe mpuzamakungu HCR rimenyesha ko abantu barenga 4200 bapfuye canke baburiwe irengero mu kiyaga Mediterranee.
IGIHE
Messages
5 Munyonyo 2016, 14:24, par Irakoze Abduul
Nikibazo Gikomey Cane Gusa Barababo Bazotore Ishrahamw Ryabant Boguma Batembera Mu Maz Bajejwe Gutabara Abantu Bashkiwe Niyo Mpanuka
5 Munyonyo 2016, 20:23, par LEONARD
NONE AYO MASANGANYA YATURUTSE KUKI?
5 Munyonyo 2016, 20:25, par LEONARD
NONE AYO MASANGANYA YATURUTSE KUKI?
7 Munyonyo 2016, 08:14, par KAKUNZE
NONE NTA MATOHOZA YIGERA ABA NGO HAMENYEKANE IKIGUMA GITERA AYO MASANGANYA?!! BIRABONEKA KO HARI ICOBA CINYEGEJE INYUMA.
3 Kigarama 2016, 19:39, par beloved
poleni sana ndugu zangu