Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Melchiade NZOPFABARUSHE yavuze ivyo guta muri Tanganyika abatavuga rumwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Melchiade NZOPFABARUSHE yavuze ivyo guta muri Tanganyika abatavuga rumwe (...)

Melchiade NZOPFABARUSHE yavuze ivyo guta muri Tanganyika abatavuga rumwe n’ubutegetsi

lundi 30 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Melchiade NZOPFABARUSHE yabwiye abariko baramwumviriza ko ivyo abashikirije ari ubutumwa yarungikanwe, kandi bwatanzwe mu gihugu cose.

Mu masanamu yaciye ku mbuga ngurukanabumenyi, Melchiade NZOPFABARUSHE yigeze kuba ari umukuru wa Sentare ijejwe kurwanya abarya igiturire yabonetse ari imbere y’abanywanyi ba CNDD FDD ariko abashikiriza ico yise ubutumwa yarungikanwe. Bumwe muri ubwo butumwa, kwari ukugabisha abazotora "OYA" mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije. Melchiade NZOPFABARUSHE yamenyesheje ko mu mugambwe CNDD FDD bamaze kwumvikana ko abo ari ukubata mw’i Tanganyika.

Muri ubwo butumwa, uwo munywanyi akomeye wa CNDD FDD yagize ati : "Hakaba hari umukeba azigisha ibitajanye n’ivyo igihugu kirondera, twebwe ntituri kumwe. Turamukaravye. N’ubwato twarabukoresheje, tuzoshira muri Karonga, tumanurire mw’i Tanganyika bace bigira iyo bashaka. Na kare amafi yari yabuze muri aya mazi yacu. Tuzobashiramwo bigire muri Congo n’amaguru. Mu gihugu cose, mw’ikomine yose. Uwuhagarariwe n’ingwe aravoma. Umugambwe CNDD FDD ni umugambwe upanze mwarabonye ingene vyagenze."

JPEG - 25.4 ko
Melchiade NZOPFABARUSHE

Ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, niho Melchiade NZOPFABARUSHE yafatwa, atwarwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Mu butumwa bacishije ku muhora wa Twitter, mu mugambwe CNDD FDD bariyamirije ivyashikirijwe n’uwo munywanyi wa CNDD FDD, basaba ubutungane ko bwofata mu minwe ico kibazo.

Nk’uko tubibwirwa na Adolphe HAVYARIMANA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane, bitegekanijwe ko Melchiade NZOPFABARUSHE acibwa urubanza rw’ikibiriraho, mu ntahe y’icese iza gusasa kuri uwu wa mbere, igihe c’isaha zine, mw’ibohero rikuru rya Mpimba.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • uwo ni nka dr mugesera mu rwanda mu 1992 ni amateka yisubiramo neza neza

  • Umuvyeyi akwanka akwita nabi (Nzopfabarushe), sivy’imbeshere uzopfa abatavugarumwe nawe warabaruhishije, warabasomesheje nturi muri Tanganyika

  • numusazi nibamunyare yatukishije umugambwe

  • Urubanza rw’ikibiriraho tururindiranye igishika ciiiiiiiiiinshi kuko yavuze neza bimwe bitomoye ivy’umugambwe wiwe umaze imyaka itatu ukora: guta abantu mu nzuzi n’ibiyaga canke kubanyuruza ntibazotorwe irengero...Ivyo ni nde atari abizi? Nzoba ndumva kuko ba Nzopfabarushe ni benshi kandi bahagarariwe n’ingwe.

  • Mpimba??????reka basha guhenda abanyagihugu yamenye akabanga barundi barundikazi murebe amaso

  • Uwo mugabo yahanzwe ku rurimi kandi afise ibirenge!
    Mugabo guca bamushira mw’ibuye birarengeje amakosa yakoze. Mu bihugu vyacu ubutungane buribagira ikintu bita proportionnalité hagati y’icaha n’igihano caco. Umuntu arakora agakosa gatoyi ukaza wumva ngo bamuciriye gupfungwa imyaka itanu. Ugereranije n’ibihugu vyubahiriza ubutungane ugasanga ryari ikosa ripfungirwa amezi atarenga abiri.
    Jewe mbona ko Merchiade ku mafuti yavuze yari akwiye kuburana ataha iwe, hanyuma akazocirwa ihadabu y’amafaranga atari make kugira ngo ikindi gihe mu kuvuga azobanze kuzungurutsa ururimi mu kanwa agashika kane. Ku mupfunga n’ukumwicira ubuzima kandi atawubironkera akarusho.

  • Abafite amatwi mwumve, muri 1992 uwitwa Leon Mugesera yarabivuze i Kabaya, ahahoze ari muri Prefecture Gisenyi. Izi mvugo nizo abategura genocide bakoresha bitwaje imyanya bafite muri leta (cyangwa mw’ishyaka riri k’ubutegetsi). Isi izongera irangare nkuko bisanzwe. Abapfa bapfe.

  • Andika han Nahanwe Abagumyabanga Turinama Yabanyagihugu Kirazira Kubiyitirira Kugira Uronke Ingene Urenganya Inama Yabanyagihugu Mukudukorera Amabuye

  • Uwo ni umu BO aba BO ntibahisha!
    Naho ntaziko yatumwe canke ko yagize ishaka rya cane, arakwiriye gukosorwa akanakurwa mu mugambwe!

  • Uyo azize ko yamenye ibanga, abanyabwoba ngira bakiriye neza ubwo butumwa butomoye ariko si twese. ico gihano(....)tuzoba tubona,ngira turibuka col. Banshimiyubusa Ivyo Yakoze I Muyinga, non ubu ari hehe?

  • Nzopfabarushe ivyo yatangaje yari yabitumwe canke yavyumviye munama za CNDD, muri make azize kuvugisha ukuri, Genocide yarateguwe, abumva mwumvise

  • ewe uzopfabarushe.warukwiyegupfa batararuha.ububibwawe burangwa nugorututsi gwikizina cawe!

  • Ngo mwarabonye ingene vyagenze...?!

  • Nibamutezurire,ntakabi Kiwe Nimba Atari Yabitumwe.Kuko Mumpimba Arya Ivya Leta Adakora.Nne Ighugu Coba Cungutse Iki?Kwihenda,vyarahamye.Numwami Yarihenda.

  • Ewe Burundi waragowe. Uyo mugabo ararengana yavuze ibyo bapangira mu Manama yabo. N,abandi benshi batekereza uko nyene. Biraboneka ko hari imigambi mibi itegurwa n,umugambwe uri ku butegetsi yo kugirira nabi abazotora oya.Barundi mube maso no mu Rwanda byari byifashe uko nyene za 1992.Habanje amajambo mabi artyoza abatutsi n,abahutu batari ibinywamaraso, nyuma hakwirikira Genocide. Muramere magabo rero batazobamarira muri Tanganyika

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.