Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umutwe wa Ireraneza umeze neza inyuma yo kubagirwa mu Bufaransa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Umutwe wa Ireraneza umeze neza inyuma yo kubagirwa mu Bufaransa

Umutwe wa Ireraneza umeze neza inyuma yo kubagirwa mu Bufaransa

dimanche 25 Munyonyo 2012

Umwana Methode Ireraneza yahora afise ikivyimba mu mutwe. Ishirahamwe ryitaho ineza y’abana FVS-AMADE Burundi ryagiye kumuvuza mu gihugu c’u Bufaransa none yagarutse yakize. Abavyeyi biwe bose akanyamuneza ni kose bagashimira abagira neza babafashije.

Uyo mwana afise imyaka 13, yavukiye mu ntara ya Bururi, avukana ikivyimba ku mutwe. Ivyo vyatuma abandi bana bigana mw’ishure hamwe n’ababanyi bamwinuba. Abavyeyi biwe baratabaje incuti, abagenzi n’abagira neza kugira babafashe uwo mwana aje kwivuza mu bihugu ubuhinga bumaze gutera imbere.

Akamo karumviswe, ishirahamwe FVS-AMADE Burundi ryitaho ineza y’abana riremera kuja kumuvuza mu gihugu c’u Bufaransa. Yagarutse ku munsi wa kane italike 22 z’uku kwezi kwa Munyonyo. Umutwe wiwe umeze neza ikivyimba carakize neza, uwutazi ko yigeze kugwra ntavyo yoca n’ikanda.

Se w’uwo mwana arashima ko ikibondo ciwe cagarutse cakize neza. Avuga ko yagumanye agahinda arindiriye ko Methode Ireraneza agaruka kuko atari yaronse uburyo bwo kumuherekeza mu gihugu c’u Bufaransa kwivuza. Yaboneyeho akaryo ko gushimira abagira neza bamufashije umwana wiwe agasubira kumera nk’abandi.

JPEG

Umuyobozi mukuru wa FVS-AMADE Burundi, Spes Nihangaza, afise akanyamuneza kenshi hamwe agashimira umuntu wese canke ishirahamwe ryagize ico riterera kugira uwo mwana avurwe. Avuga kandi ko aryohewe no kubona Ireraneza azosubira gukina n’abandi bana batamwinuba kuko ngo uwo mwana vyaramubabaza cane.

Muri kino gihe, Methode Ireraneza aracafise ububabare ariko ngo bizohera kuko haracasigaye utuzi duheya ahavuye ikivyimba, abaganga bamubaze baremeza ko mu minsi mikeya utwo tuzi tuzoba twaheze.

Ico gikorwa catwaye amafaranga arenga gatoya ibihumbi mirongo ibiri y’amanyabulaya, ni hafi imilioni mirongo itatu na zitanu y’amarundi hatagiyemwo amafaranga y’urugengo no kubaho mu bitaro vyo mu gihugu c’u Bufaransa.


PPB

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.