IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Michel KAFANDO aheruka kugenwa arizewe n’umugambwe CNDD FDD

Michel KAFANDO aheruka kugenwa arizewe n’umugambwe CNDD FDD

samedi 13 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwashinzwe amabanga y’ukuba umuhanuzi adasanzwe w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi ni Michel Kafando, akaba yahoze arongoye Reta mfatakibanza ya Burkina Faso.

Mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi bavuga ko bakiriye neza igenwa ryiwe, kuko igihe uwo KAFANDO yaserukira igihugu ciwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yakoranye neza n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu, nk’uko bishikirizwa na Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD.

JPEG - 241.7 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Muri uwo mugambwe bavuga kandi ko bumvise ingene uwo yagenwe yitwaye neza, mu mwanya yamaze ari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso.

Evariste NDAYISHIMIYE arongoye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi yizeye ko Uburundi buzovugwa uko buri : « Twizeye ko azomenyekanisha ukuri kw’Uburundi »

Michel Kafando w’imyaka 75 yabaye umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso, kuva mu 2014 gushika mu 2015.


NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.