Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Michel Kafando yasavye ubufasha bw’uwutwara Burkina Faso ku kibazo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Michel Kafando yasavye ubufasha bw’uwutwara Burkina Faso ku kibazo (...)

Michel Kafando yasavye ubufasha bw’uwutwara Burkina Faso ku kibazo c’Uburundi

samedi 27 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Kuri uwu wa gatanu, niho Michel Kafando yabonanye n’umukuru w’igihugu wa Burkina Faso, Roch Marc Christian Kaboré. Muri uwo mubonano, Michel Kafando yari yagiye kumenyesha ku mugaragaro amabanga aheruka gushingwa. Kafando yabwiye umukuru w’igihugu Roch Marc Christian Kaboré ko ikibazo c’Uburundi bitoroshe, ari naco gituma yamusavye ko yomufasha, kugira ivyo ajejwe azobirangure neza.

Michel Kafando aheruka kugenwa mu mabanga y’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ku kibazo c’Uburundi.

Yahawe ikibanza cahoramwo Jamal Benomar yasabiwe na Reta y’Uburundi ko yosubirizwa, kuko iyo Reta yamwagiriza ko ashikiriza ibitandukanye n’ukuri kw’Uburundi, kandi ko yumviriza uruhande rumwe rw’abadashigikiye Reta y’Uburundi.

JPEG - 45.4 ko
Michel KAFANDO (i bubamfu)

Mu mugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi mu Burundi bavuga ko bakiriye neza igenwa rya Michel Kafando, kuko igihe yaserukira igihugu ciwe muri Reta zunze ubumwe za Amerika, yakoranye neza n’ubuserukizi bw’Uburundi muri ico gihugu, nk’uko bishikirizwa na Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD.

JPEG - 45.8 ko
Evariste NDAYISHIMIYE, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD

Muri uwo mugambwe bavuga kandi ko bumvise ingene uwo yagenwe yitwaye neza, mu mwanya yamaze ari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso.

Evariste NDAYISHIMIYE arongoye umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi yizeye ko Uburundi buzovugwa uko buri : « Twizeye ko azomenyekanisha ukuri kw’Uburundi »

Michel Kafando w’imyaka 75 yabaye umukuru w’igihugu w’imfatakibanza muri Burkina Faso, kuva mu 2014 gushika mu 2015.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.